Afurika y’Epfo Yipfuza Kuzogira Uruhara mu Kumvikanisha Hamas na Isirayeri

Reta ya Afrika y'epfo yatangaje ko ishobora kugira uruhara rukomeye mu biganiro ivyari vyo vyose vyo muri kazoza, hagati ya Isirayeri n'umurwi Hamas. Umugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y'epfo, ANC ufitaniye imigenderanire ikomeye cane n'umurwi Hamas.

Inyuma gatoyi y’uko Nelson Mandela abaye prezida wa mbere yatowe mu matora yisunze demokrasi muri Afrika y’epfo mu mwaka w’i 1994, yaratangaje ko ubwigenge bw’igihugu ciwe budakwiye mu gihe cose ata bwigenge buhari ku Banyapalestina.

Kuva ico gihe Reta ya Afrika y’epfo yaravugiye irongera irashigikira ukwishira n’ukwizana kw’Abanyapalestina. Yaratangaje ko Israyeri ari igihugu kigendera ku ntwaro kadyanishamiryango kubera ico gihugu gikandamiza Abanyapalestina, bifatiye ku rukoba rwabo.

Muri kahise, umugambwe ANC waratangaje ko abarwanyi b’umurwi Hamas ari abarwanyi barwanira ubwigenge bw’Abanyapalestina. Yamara Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’amareta y’ibindi bihugu bitari bike, zivuga ko Hamas ari umurwi w’iterabwoba. Mu nama y’umugambwe ANC muri iyi ndwi, prezida wa Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa, yaranebaguye impande zose zitana mu mitwe.

Ramaphosa yagize ati: “Umugambwe ANC wariyamirije wivuye inyuma y’iyicwa bunyamaswa ry’abasivile ryakozwe n’umurwi Hamas. ANC itewe amakenga bikomeye n’ivyo ivuga ko ari ibikorwa vy’ihonyabwoko n’ayandi mabi agayitse Reta ya Israyeri ikora ku Banyapaestine, idatora Banyapalestina. Yavuze ko ivyo bigira ingaruka zikomeye ku buzima bwabo bwose bwa misi yose”.

Bamwe mu banebagura amajambo nk’ayo Reta ya Afrika ikoresha bavuga ko atuma ico gihugu kitokwizigirwa ku vyerekeye utwigoro two guhagarika intambara hagati ya Isirayeri na Hamas.

Uwitwa John Stremlau ni umuhinga mu bibazo by’imibanire mpuzamakungu muri Kaminuza ya Wits I Johannesburg yarabaye kandi umwe mu bategetsi baserukiye Amerika. Yarakoze ku bibazo vyerekeye Isirayeri n’Abanyapalestina mu mareta atandukanye ya Amerika muri kahise.

John Stremlau agira ati: “Nta na rimwe Reta ya Afrika y’epfo yigera icisha mu kanwa Hamas, yama ivuga Abanyapalestina. Yiyumva mu Banyapalestina n’ivyipfuzo vyabo vyo kugira igihugu cabo kirangwa n’umutekano, abakibamwo bose bakaciyumvamwo, harimwo Abayislamu, Abayahudi n’Abakristu” Ibihugu vyo mu karere bisa n’ibishaka inyishu iciye mu maharo ifatiye ku bihugu bibiri vya Isirayeri na Palestina. Nibaza ko Afrika y’epfo iriko ivyifatamwo neza kugira ishobore guserukira inyungu z’Abanyapalestina.

Umuhinga Stremalu avuga ko Prezida Ramaphosa ari umuntu afise ubuhinga bukomeye mu vyerekeye ibiganiro. Yatangaje ko Ramaphosa yafashije mu gikorwa co gukuraho intwaro kadyanishamiryango ya Apartheid muri Afrika y’epfo. Stermlau yavuze kandi ko Ramaphosa yagize uruhara mu guhagarika intambara yamaze imyaka itari mike muri Irlande. Hari mu mwaka w’i 1998. (VOA News)