Prezida w'Uburusiya ari mu Bushinwa

Prezida w'Uburusiya na mugenzi wiwe w'Ubushinwa

Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, kuri uyu wa kabiri, yashitse ku murwa mukuru w'Ubushinwa, Beijing, kubonana na Prezida Xi Jinping. Urwo rugendo ruriko rurakwirikiranwa cane, rugenewe kwerekana ugukorana ataho kugarukira hagati y'Ubushinwa n'Uburusiya, mu gihe ingwano ibandanya muri Ukraine.

Prezida Putin n’abamuherekeje bashitse ku kibuga c’indege mpuzamakungu co ku murwa mukuru w’Ubushinwa, Beijing, mu gitondo co kuri uyu wa kabiri. Bakiriwe n’umushikiranganji ajejwe ubudandaji w’Ubushinwa, Wang Wentao.

Ni urugendo rugira kabiri gusa Prezida Putin agize mu mahanga kuva sentare mpuzamakungu mpanavyaha isohoye umutahe wo kumuhagarika mu kwezi kwa gatatu kw’uyu mwaka.

Ni urugendo rwa mbere Prezida Putin agize hanze y’akarere kahoze kagize Ubumwe bw’Abasoviyete muri uyu mwaka. Ni inyuma y’uko agendeye, mu ntango z’uku kwezi, Kirigizistani, yahoze ari Republika y’Abasoviyete.

Ubwa nyuma Prezida w’Ubushinwa, Xi Jinping, yaheruka guhura na Prezida Putin hari ku murwa mukuru w’Uburusiya, Moscou, imisi mikeyi inyuma y’uko umutahe wo guhagarika Putin usohowe.

Ico gihe, Prezida Xi Jinping yaratumiye Prezida Putin kwitaba ikoraniro ryerekeye umugambi, “Belt and Road Initiative”. Uwo mugambi ugenewe guhuza Aziya, ubuseruko bwo hagati bw’isi, Afrika n’Uburaya, biciye mu mayira yo ku butaka n’amazi. Ni mu ntumbero yo kwihutisha ibidandazwa vy’Ubushinwa kugira bishike n’ingoga ku masoko mpuzamakungu.

Kuri uyu wa gatatu, Prezida Putin azovuga inyuma y’uko Prezida Xi Jinping ashikirije ijambo ryo kwugurura ikoraniro ku mugambi, “Belt and Road Initiative”. Abo bategetsi bompi bazogirana ibiganiro mu mpera z’uwo musi. (REUTERS)