Umukuru w'umugambwe w'abadasigana Uprona mu Burundi atera akamo urwaruka karusaba gukora cane kugira rushikane Uburundi ku rugero rwo kwikukira mu vy'ubutunzi.
Olivier Nkurunziza yabivuze kuri uyu wa gatanu igihe hibukwa imyaka 62 iheze Umuganwa Ludoviko Rwagasore yaharaniye intahe yo kwikukira, yishwe.
Mu nkuka ya misa, Vikeri mukuru wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura Anatole Rugerinyange yasomye, yibukije ko umugera w’amacakubiri Rwagasore yarwanya, n’ubu ucibonekeza mu Barundi, araheza abasaba kuvavanura na yo.
Uwuramutswa umugambwe w’Abadasigana Uprona muri kino gihe, yahamagariye Abarundi bose kugira rwabo iragi ry’incungu yo kwikukira. Afatiye ku myaka 29 yishwe afise, yasavye urwaruka kumwubahisha mu kurondera ukwikukira k’Uburundi mu vy’ubutunzi.
Bamwe mu banyagihugu bo mu gisagara c’ubutunzi Bujumbura yabwiye Ijwi ry’Amerika ko kubona Abarundi barya utwabo ata kiboko c’umukoloni kibari ku mugongo ari intambwe ikomeye bakesha Umuganwa Ludoviko Rwagasore.
Uyu musi ushitse mu gihe habaye ukwiyunga hagati y’impande zibiri z’umugambwe Uprona inyuma y’imyaka irenga 10 . Olivier Nkurunziza awurongoye avuga ko vyose vyumvikanyweko kugira umugambwe usubirane iteka wamanye.
Evariste Ngayimpenda, umukuru w’ishami rya Uprona ritemewe n’amategeko yabwiye Ijwi ry’Amerika ko uko kwiyunga kuje hageze. Abivuga yisunze amajwi uyo mugambwe warusigaye uronka mu matoa avuga ko ari agaterasoni.
Ku musi nk’uyu mu gihugu cose haba hari ikonji. N’ubuserukizi bw’Uburundi mu bihugu bitandukanye buba bufise akaruhuko. Ariko nta jambo Prezida ashikiriza Abarundi nko ku yindi misi mikuru y’igihugu. Ariko umukuru w’igihugu yashimye guca ku rubuga rwiwe rwa X ruzwi nka Twitter mu kwifatanya n’Abarundi.
Yanditse ati: “Kuri uno musi turamutse twibuka imyaka 62 irangiye incungu y’ukwikukira kw’Uburundi igandaguwe, tuzirikane kandi twame tugendera mu gushira mu ngiro bimwe mu vyo yashikirije ati: “ Ntitwemere uwushaka kudutesha iteka n’itekane mu guteza imbere igihugu. Na yo imihimbiri, abasuma n’abambuzi bazohanwa bimwe bikomeye”, ni ko yanditse.
Prezida Ndayishimiye yasozereye ubutumwa bwiwe agira ati: “ Iri ragi ni ukurigendera. Ntituzohemukira na rimwe uwiguze igihugu cacu, umuganwa Ludoviko Rwagasore. Abanyonora ubutunzi bw’igihugu ntituzobihanganira. Ni harambe amahoro, iteka n’itekane ry’Uburundi”.