Umushikiranganji w'Imigenderanire ya USA mu Rugendo muri Isirayeri

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Antony Blinken, kuri uyu wa gatatu, aragendera igihugu ca Israeli. Ubushikirangnaji bwa Amerika bujejwe imigenderanire buvuga ko ajanye ubutumwa bw'ukwifatanya hamwe no gushigikira ico gihugu.

Antony Blinken agiye mu karere ko mu buseruko bwo hagati bw’isi mu gihe irengero ry’Abanyamerika batari bake ritazwi gushika ubu. Imiryango y’abo Banyamerika, yasavye abategetsi kubandanya utwigoro twabo two kurondera.

Ku musi wa kabiri, Blinken yarakiye intumwa idasanzwe y’ishirahamwe ONU. Bagiranye ibiganiro imbere y’uko atangira urugendo rwiwe. Ivyo biganiro vyari vyerekeye ingwano iriko iraba hagati ya Isirayeri n’umurwi Hamas.

Blinken agira ati: Mwarumvise Prezida Biden avuga mu buryo butomoye ku bikorwa vy’ububisha twiboneye umurwi Hamas wakoze kuri Israyeri mu misi mikeyi irangiye. Yaravuze mu buryo botomoye ko Amerika yifatanije na Israyeri mu rugamba rwayo. Ubwo ni bwo butumwa yansavye gushira abanyagihugu ba Isirayeri dukorana, mu karere ko mu buseruko bwo hagati bw’isi.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Antony Blinken, agiye mu karere ko mu buseruko bwo hagati bw’isi mu gihe ingwano hagati ya Israyeri n’umurwi Hamas ibandanya ku musi ugira uwa gatanu, kuva abarwanyi ba Hamas batanguye ibitero vyihaye inkumbi muri Isirayeri. Ivyo bitero vyabaye giturumbuka ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye.

Prezidansi y’Amerika itangaza ko Abanyamerika 11 bishwe muri ibyo bitero, naho ko abarenga 20 ntawe uzi aho bari.