Ubufaransa Bwatanguye Kuvana Abasirikare Babwo muri Nijeri

Inteko z’Ubufaransa zahora muri Nijeri zatanguye kuva muri ico gihugu inyuma y’itembagazwa ry’ubutegetsi muri ico gihugu, mu kwezi kw’indwi, nk’uko vyatangajwe n’igisirikare ca Nijeri.

Ni inyuma y’amezi abiri akagwi k’abasirikare katembagaje ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu yari yatowe mu nzira ya demokarasi.

Indege zibiri zarimwo abasirikare barenga ijana muri imwimwe, zarabashikanye ku murwa mukuru Niyame ejo ku musi wa kabiri. Abo basirikare ni bamwe mu murwi umwe muri myinshi igiye kugenda irava muri ico gihugu, gushika mu mpera z’uno mwaka.

Vyatangajwe n’umuvugizi w’igisirikare c’Ubufaransa Col. Pierre Gaudilliere. Yavuze ko abasirikare bose bazotaha iwabo mu gihugu c’Ubufaransa.

Televiziyo ya reta ya Nijeri yerekanye amasanamu y’imidoka zavuye kw’ikambi ry’i Ouallam muburaruko, itangaza ko bagana igihugu kibanyi ca Cade, mu buseruko.

Ivyo bibaye inyuma y’indwi imwe Prezida Emmanuel Macron atangaje ko igihugu ciwe cahagaritse ibikorwa vyaco muri Nijeri. Ico gihe yavuze kandi ko akuye uwuserukira igihugu ciwe muri ico gihugu, inyuma ya kudeta yakuye ku butegetsi prezida Mohamed Bazoum, mu mpera z’ukwezi kw’indwi.

Abasirikare b’Ubufaransa bashika ku 1,500 ni bo bari muri ico gihugu mu bikorwa vy’imyimenyerezo ya gisirikare y’abasirikare ba Nijeri, hamwe no gufasha kugwanya imirwi y’iterabwoba.

Ku musi wa kabiri kandi, mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ibiro vy’umushikiranganji wa Nijeri ajejwe imigenderanire, umutegetsi mukuru w’ico gihugu, yarategetse ko Louis Aubin umukuru w’ibiro vyishirahmwe mpuzamakungu ONU muri Nijeri ava ku butaka bw’ico gihugu mu kiringo kitarenze amasaha 72.

Kimwe mu vyo uwo mutegesi mushasha wa Nijeri yagiriza ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ni kuba ONU yarakoze ibishoboka kugira Nijeri ntibashe kwitabira amanama ya ONU aheruka kuba I New York.
ONU ntiyishuye gushika ubu, kandi ntiragira ico ivuze ku ngingo yo kwirukana Aubin muri Nijeri.