Isirayeri yatangaje ko mw'ijoro ryashiriye kuri uyu wa kabiri ko igisirikare cayo cakoze ibitero mu bibanza amajana n'amajana mu ntara ya Gaza.
Ibibanza indege z’ingwano za Isirayeri zakozemwo ibitero mw’ijoro ryashiriye kuri uyu wa kabiri birimwo icige ca Rimal c’igisagara ca Gaza. Ico gice kirimwo abategetsi batari bake b’umurwi Hamas n’inyubakwa za reta.
Ku musi wa mbere, umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Benjamin Netanyahu, yari yatangaje ko ivyo bazokorera abansi babo mu misi iri imbere ari ibintu bizokwibukwa mu kiringo kirekire kiri imbere.
Umuvugizi w’igisirikare ca Isirayeri, Richard Hecht, yatangaje ko ibiziga vy’abagwanyi 1.500 b’umurwi Hamas vyatowe ku butaka bw’ico gihugu. Yavuze ko ata barwanyi ba Hamas binjiye muri Isirayeri kuva ku musi w’Imana urangiye.
Igisirikare ca Isirayeri cavuze ko catumyeko abasirikare 300.000 bama bari magabo, igihe cose bakenewe. Ni imbere y’uko bakora ibitero bikomeye vyo gusubiriza mu nkoko umurwi Hamas wakoze ibitero giturumbuka ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye mu bice vyo muri Isirayeri vyegereye intara ya Gaza.
Umuvugizi mu vy’igisirikare w’umurwi, Hamas, yagabishije ko abarwanyi bawo bazokwica abasivile 150 bagize imbohe, igihe cose Isirayeri izokora ibitero itagabishije abasivile mu ntara ya Gaza. (VOANEWS)