Abahitanywe na Nyamugigima muri Afuganistani Bageze ku 2000

Bimwe mu vyasenyuwe na Nyamugigima muri Afuganistani

Abategetsi bakuru bakuru muri reta y’Abatalibani bagendeye intara ya Herat yabayemwo nyamugigima yahitanye abantu bashika ibihumbi 2 mu mpera z’indwi twaraye turangije.

Iyo nyamugigima ifise uburemere bw’ibice 6.3 yabaye mu karere ka Herat kabamwo abantu benshi. Yakwirikiwe n’isenyagurika ry’inyubakwa ikomeye, ritaribwibonekeze muri ico gihugu mu kiringo c’imyaka 20 iheze.

Mw’itangazo ryashikirijwe na reta kuri uno musi wa mbere ku mugwa mukuru wa Kabul, icegera c’umushikiranganji ajejwe ubutunzi Abdul Ghani Baradar n’umugwi wiwe, batangaje ko biteguriye kugendera ako karere kasinzikajwe n’iyo nyamugigima, mu ntumbero yo gutanga imfashanyo zihuta hamwe no kugira bagende babonye kw’izo mfashanyo zashikirijwe abazigenewe.

Iyo nyamugigima yatumye inyubakwa zigwa ku bantu amajana n’amajana. Ababa muri ako karere babandanije guhunga ingo zabo kuri uno musi wa mbere. Bagumye bihereza amayira mu nyuma y’aho iyindi nyamugigima ikurikiye, iya mbere. Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, igereranya ko abantu 2.500 bashobora kuba barapfuye cyangwa barakomekejwe n’iyo nyamugigima. Ibiro vy’Amerika bijejwe gukurikirana no gupima ibiza vya nyamugigima, vyatangaje ko isi yanyiganyeze ku rugero rwagiye ruva ku bice 6.3 , 5.9 na 5.5.

Amakungu ntiyihutiye kwitaho ico kibazo mu gukorana na reta y’abatalibani kuko ibihugu vyinshi bisa n’ibihanze amaso ku ngwano ibandanya hagati ya Isirayeli na n’umutwe wa Hamas wo muri Palesitina.