Amerika Vuba Irarungikira Ibikoresho vy'Ingwano Isirayeri

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Amerika n'ayandi makungu, Antony Blinken, kumwe n'umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Benjamin Netanyahu.

Reta zunze ubumwe z’Amerika zizoha Isirayeri ibirwanisho n’ibindi bikoresho ikeneye, inyuma y’ibitero bitari vyitezwe umurwi wa Hamas wo muri Gaza uriko uragaba muri ico gihugu kuva ku wa gatandatu.

Itangazo ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Amerika, Pentagone, bwasohoye uno munsi ku wa Mungu, bwavuze ko ibikoresho vyose vya gisirikare Amerika izoha Isirayeri, ibitanze nk’inyishu y’ibitero vya Hamas.

Amerika ntiyavuze ryari ibikoresho vya gisirikare izoba Isirayeri bizoshika muri ico gihugu. Umushikiranganji wo kwivuna abansi muri Amerika, Lloyd Austin, abicishije mw’itangazo yasiguye ko ari vuba agira ati: “ Amerika vuba bwango igiye kurungikira igisirikare ca Isirayeri ibirwanisho, n’ibindi bikoresho vya nkenerwa.” (AFP)