Umugambwe NUP Wemeza ko Bobi Wine Yatawe mu Mvuto

Bobi Wine mu 2021

Umugambwe ukomeye utavuga rumwe na reta muri Uganda watangaje ko umuyobozi wawo, Bobi Wine, kuri uyu wa kane, yatawe mu mvuto ku kibuga c'indege c’I Entebbe.

Ni mu gihe yari atahutse avuye mu rugendo mu mahanga. Yamara igipolisi cavuze ko camuherekeje gushika imuhira iwe. Amasanamu ya videwo umugambwe wa Bobi Wine, National Unity Platform, NUP, mu mpfunyapfunyo, washize ku rubuga X, yamwerekanye ari mu minwe y’abapolisi.

Vyari inyuma y’uko avuye mu ndege ku kibuga c’indege ca Entebbe. Umwe mu bakorana nawe yumvikanye kuri videwo ariko abaza iyo bari bamujanye. Mathias Mpuuga, ayoboye umugambwe NUP, mu nama nshingamateka yashize ubutumwa ku rubuga X, aho yatangaje ko “Reta igayitse ya Uganda” yahagaritse umukuru wabo igihe yari ashitse ku kibuga c’indege.

Yavuze ko bari baje kumwakira, ko yamara abajejwe umutekano batamurekuriye n’uko bavugana. Umuvugizi w’igipolisi, Patrick Onyango, we yatangaje ko inzego zijejwe umutekano zaherekeje Bobi Wine ku muhana iwe

Mu myaka ya vuba, Robert Kyagulanyi, azwi cane kw’izina ry’iritazirano rya Bobi Wine, yabaye umunyapolitike akomeye arwanya ubutegetsi bwa Prezida wa Uganda, Yoweri Museveni ari ku butegetsi kuva mu mwaka w’i 1986.

Bobi Wine yarangije mu kibanza ca kabiri mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye mu mwaka w’i 2021. Ico gihe yavuze ko ayo matora yaranzwe n’ubusuma. Abatavuga rumwe na reta n’abaharanira agateka ka muntu baranebaguye Prezida Museveni mu kuvuga ko akandamiza abatavuga rumwe na reta, ibirego we ahakana. (REUTERS)