Ubumwe bw’Ubulaya Bwemereye Etiyopiya Miliyoni $680 y’Imfashanyo

Uturutse i bumoso komiseri Olli Rehn ushinzwe ubukungu, Mario Draghi ukuriye banki nkuru y'Uburayi, Yannis Stournaras, ministri w'imali mu Bugiriki, Jutta Urpilainen ushinzwe imikoranire n'amahanga mu by'imali na ministri w'imali mu Buhalandi Jeroen Dijsselbloem bari mu nama.

Umuryango w'Ubumwe bw'Ubulaya waremereye Etiyopiya imfashanyo y'imiliyoni 680 y'amadolari yari yatebejwe gutangwa. Umuryango w’Ubumwe bw’Ubulaya wemereye iyo mfashanyo Etiyopiya, hafi y’imyaka itatu iheze inyuma uhagaritse imfashanyo wahora uha ico gihugu

Ingingo yo guhakarika iyo mfashanyo yari yafashwe kubera ubwicanyi bukabije bwakozwe mu ngwano yihaye inkumbi muri ico gihugu. Umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya watangaje ko igihe co gusubira kugiranira imigenderanire myiza hamwe no gukorana na Etiyopiya kigeze.

Umutegetsi mukuru w’umuryango w’Ubumwe bw’Ubulaya, ajejwe gukorana n’amakungu, Jutta Urpilainen, ku musi wa kabiri, yaratangaje amasezerano yapfunditwe ku bijanye n’imfashanyo igenewe Etiyopiya, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ari kumwe n’umushikiranganji ajejwe ikigega, wa Etiyopiya, Ahmed Shide, ku murwa mukuru, Addis Abeba.

Yavuze ko iyo mfashanyo ari intambwe ya mbere iboneka ishitsweko inyuma y’amasezerano yahagaritse ingwano mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka urangiye w’i 2022. Urpilainen yavuze ko igihe co kugenda barasubira kugiranira imigenderanire myiza no gukorana na Reta ya Etiyopiya, kigeze.

Imfashanyo ya mbere umuryango w’Ubumwe bw’Ubulaya bwari bwategekanirije Etiyopiya yari ifise agaciro k’umuliyaridi w’amadolari. Yari itegekanijwe guhabwa ico igihugu kuva mu mwaka w’i 2021 gushika mu mwaka w’i 2027. Yamara yarahagaritswe mu mpera z’umwaka w’i 2020 inyuma y’uko ingwano yadutse mu ntara ya Tigreya iri mu buraruko bw’igihugu. (REUTERS)