Umukuru w'Inama Nshingamateka ya Amerika Ashobora Gukomborwa

Umukuru w'inama nshingamateka ya Amerika, Kevin McCarthy

Umukuru w'inama nshingamateka ya Amerika, Kevin McCarthy ashobora gukurwa mu mabanga yiwe, mu gihe umushingamateka, Matt Gaetz, ari mu mugambwe wiwe w'Abarepublikani yashikirije ingingo isaba ko haba itora ryo kumukura mu mabanga yiwe.

Kevin McCarthy asa n’uwutahaye agaciro iyo ngingo mu butumwa yashize ku rubuga X. Yatangaje ko yiteguriye guhangana na yo. Itora ryo gukura McCarthy ryokenera ibice 50 kw’ijana vy’abashingamateka 435 bagize inama nshingamateka ya Amerika.

Abarepublikani ni bo bagenzura urwo rwego n’ibibanza 221 ku bibanza 212 vy’abademokrate. Ingingo isaba gukura Kevin McCarthy mu mabanga yiwe ifashwe inyuma y’uko yishimikije amajwi y’abademokrate kugira itegeko ryerekeye amafaranga reta izokorasha mu kiringo gitoyi, yemezwe. Vyatumye imirimo ya reta idahagarara.

McCarthy yabaye umukuru w’Inama nshingamateka ya Amerika mu kwezi kwa mbere kw’uyu mwaka. Hari inyuma y’amatora yabaye incuro zitari nke. Ico gihe,

Matt Gaetz n’abandi barepublikani barwanije igikorwa ciwe co kwitoza muri ayo mabanga. Kugira McCarthy aruhire gutorwa yemeye ko umwe umwe wese mu bamurwanije ku giti ciwe bwite ashobora gusaba ko haba amatora yo kumukura mu mabanga yiwe y’umukuru w’inama nshingamate ya Amerika. Nta mukuru w’inama nshingamateka ya Amerika arigera akurwa mu mabanga yiwe imbere y’aho mu mateka y’igihugu. (VOANEWS)