Afurika y'Epfo Izoshobora Kuremera Eswatini mu vya Demokarasi?

Julius Malema Atavuga rumwe na reta ya Afurika y'Epfo

Imigambwe itavuga rumwe na reta muri Afrika y'epfo yatangaje ko izoremera umugambwe uri ku butegetsi , ANC, kugira ugerageze gukora ibishoboka vyose ngodemokrasi itsimbatare mu gihuhu kibanyi ca Eswatini, cahoze citwa Swaziland.

Julius Malema, wo mu mugambwe utavuga rumwe na reta muri Afrika y’epfo “Economic Freedom Fighters, EFF”, yatangaje ko guta amakosa ku bansi bo hanze y’igihugu ku bibazo biri muri Eswatini, bitagira ishingiro. Yabwiye ibinyamakuru ko azohimiriza Prezida wa Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa, kugira aremere umwami Mswati, ashireho inzego za demokrasi mu gihugu ciwe.

Malema avuga ati: Nta demokrasi ihari muri Eswatini. Nta matora aharangwa. Ivyo umwami akora ni ukugeramira ivyipfuzo vy’abanyagihugu. Imigambwe itegerezwa kwemererwa guhiganwa muro inzego za poilitike. Dushaka demokrasi muri Swaziland. Tuzobandanya gushigikira urugamba rw’abanyagihugu rwo guharanira demokrasi.

Muri Eswatini, imigambwe ntirekuriwe kwiyamamaza. Abantu ku giti cabo ni bo bemerewe kwitoza kugira baje mu nama shingamateka. Umuvugizi wa reta, Alpheus Nxumalo yavuze ko iyo ariyo demokrasi y’ukuri.

Nxumalo avuga ati: Nta mategeko ahari mu gihugu cacu abuza imigambwe kugira uruhara mu matora. Yamara abantu bategerezwa kubikora ku giti cabo. Abanywanyi b’imigambwe ntibabujijwe kugira uruhara mu matora y’abashingamateka canke ayandi matora ayariyo yose. Muri iki gihe turindiye ko abagize inama nshingamateka bashasha barahira mu mabanga yabo. Bamwe muri bo ni abanywanyi b’imigambwe itandukanye.

Abaharanira demokrasi bavuga ko abashingamateka bashasha bama ari abantu bacuditse n’umwami, ko badaserukira abatavuga rumwe na reta b’ukuri. Batangaje ko abatavuga rumwe na reta b’ukuri bari mu buhungiro, kubera ubwoba ko ubuzima bwabo bushobora kugeramirwa. Benshi mu batavuga rumwe n’umwami Mswati baragandaguwe, abandi baratabwa mu mvuto mu myaka ya vuba. Inteko zijejwe umutekano ziwe zama zakoresheje inguvu z’umurengera ku biyamiriza intwaro yiwe.

Abaswazi bitavye amatora y’abashingamateka ku musi wa gatanu w’indwi irangiye. Yamara mu gihugu aho imigambwe itemerewe kugira uruhara muri ayo matora, abaharanira demokrasi bavuga ko ayo matora atari yubahirije amategeko. (VONEWS)