Uburundi Bwahagurukiye Abatwara Imiduga Banyoye Inzoga

Abapolisi bacungera uruja n'uruza mu Burundi

Ku ncuro ya mbere, igipolisi c'Uburundi cafashe ingingo yo kubuza abagendesha imodoka zunguruza abantu gutwara banyoye inzoga. Ni isekeza igipolisi citiriye "Volant Nayitanze".

Umunyamabanga ntayegayezwa ajejwe ibibazo vy'umutekano mu bushikiranganji bujejwe umutekano n'intwaro yo hagati asaba abapolisi baraba umutekano wo mw'ibarabara kutagira umuntu n'umwe batinya guhana, naho azoba ari umutegetsi basanze ariko aratwara yanyoye inzoga.

Kuva ubu uwugendesha ibinyabiziga mu Burundi asanganywe igipimo kingana n’amagarama 80 mu mubiri wiwe, abwirizwa guca ahanwa. Desire Nduwimana, umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi yemeza ko ivyuma bikoreshwa mu gupima ari ruhasha kandi n’abagendesha amakinga bategerezwa kwubahiriza iyo ngingo.

Charles Ntirampeba, umunyamabanga mukuru wa Atrabu, ishirahamwe ryo gutwara abantu n’ibintu mu Burundi avuga ko ashimishwa n’iyi ngingo. Gusa asaba ko yobangirwa gushirwa mu ngiro, hagatangwa n’imiburiburi ikiringo c’ukwezi co kwigisha abatwara ivyuma mw’ibarabara.

Bamwe mu banyagihugu bo ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura barimwo abagendesha imodoka zica amafaranga babwiye Ijwi ry’Amerika kuri uyu wa mbere ko iyo ningo ije hageze.

Naho igipolisi c’Uburundi cafashe iyo ngingo ubu, itegeko riyivuga ni iryo muri 2012 nk’uko vyemezwa na Jenerali Ndayambaje. Kugera ubu ihadabu izotangwa n’abazofatirwa mu makosa ntiravugwa uko ingana. Ibitigiri bitangwa n’igipolisi kijejwe uruja n’uruza mw’ibarabara vyerekana ko mu Burundi ku kwezi ku kwezi n’imiburiburi abantu 10 bahitanwa n’impanuka zo mw’ibarabara.

Inkuru ya Eloge Willy Kaneza.

Your browser doesn’t support HTML5

Uburundi Bwahagurukiye Abatwara Imiduga Banyoye Inzoga