Ukraine Yasambuye Utudege 29 na Misile Zirasa Kure z'Uburusiya

Bamwe mu basirikare ba Ukraine mu karere ka Mykolaiv kasamburiwemwo Drone z'Uburusiya

Igisirikare kirwanira mu kirere ca Ukraine, kuri uyu wa kabiri, catangaje ko casambuye utudege tutagira abadereva twa drone 29 na misile zirasa kure Uburusiya bwakoresheje mu bitero bwakoze mu ntara zitari nke za Ukraine, mw'ijoro ryashiriye uno musi ku wa kabiri.

Igisirikare ca Ukraine catangaje ko nyinshi muri izo drone zarashwe mu ntara ya Mykolaiv iri mu bumanuko bwa Ukraine, no mu ntara ya Dnupropetrovsk iri hagati mu gihugu.

Serhiy Lysak, Bulamatari w’intara ya Dnipropetrovsk, yavuze ko ibisigarira vy’izo drone zasambuwe, vyasambuye inyubakwa ziri mu kibanza kirimwo amahinguriro mu gisagara ca Pavlohrad. Vyatumye kandi umuriro waka mu kibanza kirimwo ihinguriro mu gisagara ca Dnipro.

Ivyo bitero vy’Uburusiya vyakwirikiye ivyatangajwe n’abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’umuryango w’ubumwe bw’Uburaya, bakoranye ku musi wa mbere ku murwa mukuru wa Ukraine, Kiev. Bavuze ko umuryango w’ubumwe bw’Ubrlaya wemeye kuzobandanya ushigikira Ukraine.

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yabwiye abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’uwo muryango, mu nama bagiranye, ko intsinzi y’igihugu ciwe izova ku gukorana nawo.

Prezida Zelensky yatangaje ko Ukraine izobandanya gukingira abanyagihugu bayo n’ubutunzi bwayo ibitero vy’Uburusiya bibandanya. Yibukije abayobozi b’umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya ko igihugu ciwe gikeneye ayandi mafaranga, ibindi birwanisho n’iyindi myimenyerezo ya gisirikare kugira gishike ku migambi yayo. Yongeye abasaba kwongereza ibihano ku Burusiya. (VOANEWS)