Mali: Amatora Ntakibaye mu Kwezi kwa Kabiri

Prezida w'imfatakibanza wa Mali, Colonel Assimi GOITA ariko aratora mw'ikambi ya gisirikare y'i Kati

Abasirikare batembagaje ubutegetsi bwa Mali, batangaje ko amatora ya prezida yari ategakanijwe kuba muri ico gihugu mu kwezi kwa kabiri kwo mu mwaka uza yegejwe imbere.

Koloneli Abdoulaye Maiga avugira ubutegetsi bwa gisirikare muri Mali yavuze ko zimwe mu mvo zatumye begeza imbere amatora y’umukuru w’igihugu, zirimwo ingorane z’ubuhinga bw’ivyuma, zishingiye ahanini ku gushira mu ngiro ibwirizwa nshingiro rishasha rya Mali, urutonde n’imyidondoro y’abazotora, hamwe n’ “amahinyu basanze mw’ishirahamwe ry’Ubufaransa ryitwa Idemia, ryofashije muri rusansuma y’abazotora.”

Amatora ya Mali yobaye kw’itariki ya 4 n’irya 18 ukwezi kwa kabiri mu 2024. Ubutegetsi bwa gisirikare muri Mali ntibwigeze buvuga amatariki yungururijweko. Ni Amatora yari afise ahanini intumbero yo gusubiza ubutegetsi bwa Mali mu minwe y’abasivile.

Abasirikare batembagaje ubutegetsi bwa Mali basibije kandi amatora y’abashingamateka yari ategekanijwe kuba mu mpera z’uno mwaka wa 2023, bavuga ko azotunganywa n’ubutegetsi buzova mu matora ya prezida bitaramenyekana igihe azobera.

Si ubwa mbere abasirikare batembagaje ubutegetsi bwa Mali mu 2020 begeza inyuma amatora ya prezida. Ku ncuro ya mbere bari bemeye kuyatunganya amatora mu kwa kabiri ko mu 2022, mu mpera zo mu 2021, batangaza ko bitagikunze ko ikirangaminsi bari bumvikanyeko n’ ishirahamwe ryo gufashanya mu vy’ubutunzi hagati y’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO, cubahirizwa.

Ukwigiza inyuma ayo matora, vyatumye CEDEAO ishira mu bihano Mali. Ni ibihano vyahavuye, abatembagaje ubutegetsi bw’ico gihugu bemeye kuzosubiza ubutegetsi mu minwe y’ abasivile mu kwa kabiri ko mu 2024. Ntaco CEDEAO iravuga ku kuba amatora ya Mali yongeye kwegezwa inyuma. (AFP)