Amerika mu Biganiro vyo Gukomeza Umutekano no Gutuza Iterabwoba muri Afrika

Umushikiranganji w'Amerika ajejwe kwivuna abansi Lloyd Austin mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Nairobi

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Lloyd Austin, ari mu rugendo ku mugabane wa Afurika. Ariko agendera ibihugu bitandukanye birimwo kenya. Ibiganiro akorana na bagenzi biwe bishimikiye ku gukomeza umutekano no gutuza iterabwoba.

Imbere yo kuja I Nairobi muri Kenya uno munsi ku wa mbere, Lloyd Austin yagendeye Djibouti, ashimira abasirikare ba Amerika bari mw’ikambi ya Lemonnier ku ruhara “ntangere” bagize mu guhungisha abadiplomate batandukanye b’Amerika babavana muri Sudani mu kwezi kwa kane.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi yashimiye kandi abategetsi ba Djibouti kuba bacumbikiye ikambi nini y’abasirikare b’Amerika ku mugabane wa Afurika. Yarongeye ashima ico yise imikorere myiza iri hagati y’ico gihugu n’Amerika.

Lloyd Austin yahuye kandi na prezida wa Somaliya, Hassan Sheikh Mohamud, amubwira ko Amerika ishima aho ingabo z’igihugu ciwe zigejeje zirwanya umurwi w’iterabwoba wa al-Shabab. Aha ariko, Lloyd Austin agabisha ko atawokwijajara kuko ku bwiwe, Al-shaba igifise inguvu zo gukwirakwira mu bihugu bijegajeja mu vy’uburongozi.

Amerika igabishije ko hakiri impinga yo gutuza Al-shabab mu gihe Somaliya iheruka gusaba akanama ka ONU kajejwe umutekano kuba karabangiriye ku ngingo yo gutahukana abasirikare bagera ku 3000 mu bagiye kugarukana amahoro muri ico gihugu.

Prezida w’Uburundi Evariste Ndayishimiye, mw’ijambo yavugiye mu nama ya ONU igira 78 mu ndwi iheze, nawe nyene yagabisha ko inteko z’umuryango w’Ubumwe bwa Afurika zikaramuka zitahukanywe, ibintu bishobora kuyangara.

Umushikiranganji ajejwe ukwivuna abansi muri Amerika, yagarutse kandi ku murwi w’abacangero b’abarwanyi b’Abarusiya, Wagner, aho yemeje ko urupfu rwa Yevgeny Prigozhin yahora atwara uwo murwi ataco rwahinduye ku bwinshi bw’abarwnayi bari ku mugabane wa Afurika. Austin yagize ati: “Wagner iracafise abarwanyi benshi muri Afurika.”

Ni ubwa mbere Lloyd Austin agendeye umugabane wa Afurika kuva yaja mu mabanga y’umushikiranganji wo kwivuna abansi muri Amerika.