Prezida wa Republika ya Demokarasi ya Kongo, Félix Tshisekedi, yasavye ko umugambi wo kuvana abasirikare ba ONU ku butaka bwa Kongo wihutishwa.
Ubutumwa bwo gusaba ko ingabo za ONU zimaze imyaka yababa 25 ku butaka bwa Kongo zitaha, Prezida Félix Tshisekedi yabutangiye mu nama rusangi ya ONU igira 78, iriko ibera mu gisagara ca New York.
Mw’ijambo ryiwe, yasiguye ko hageze ko Kongo yifatira mu minwe kazoza kayo na cane umutekano wayo. Ku bwa Tshisekedi, ingabo za ONU ziharurwa mu bihumbi 15 zarananiwe gutuza imirwi yitwaje ibirwanisho irwanira ku butaka bwa Kongo no gukingira abasivile b’ico gihugu.
Haheze imyaka myinshi Kongo ivuga ko yipfuza ko ingabo za MONUSCO zikinjura ku butaka bwayo. Akatari gake, gusaba ko abasirikare ba ONU bava muri Kongo, vyagiye biteza imidugararo mu bice bimwe bimwe vy’ico gihugu, rimwe na rimwe n’amaraso y’abanyagihugu akahasesekera.
Mu 2020, ni ho akanama ka ONU kajejwe umutekano kemeza ingingo zitandukanye zerekana ingene ibikorwa vyo gucungera umutekano wa Kongo hagati y’abasirikare ba ONU n’abasirkare ba Kongo, bizohererekanwa.
Mu gihe uwo mugambi werekana neza ko abasirikare ba ONU bazotangura kuva ku butaka bwa Kongo mu kwezi kwa cumi na kabiri ko mu 2024, Repubulika ya demokarasi ya Kongo mu kwezi kw’icenda uno mwaka, yarasavye akanama ka ONU kajejwe umutekano gutangura uwo mugambi mu kwa cumi na kabiri k’uno mwaka. Muri ico kiringo, ni na ho Prezida Tshisekedi azoba ariko yitoza mu kiringo co kurongora igihugu, ku ncuro ya kabiri.
Mu gihe Prezida Tshisekedi yabwiye ONU ko ata kamaro ko kubandanya kuzera inze ku basirikare ba ONU mu bikorwa vyo kugarukana amahoro no gukingira umutekano w’abasivile, mu kwezi kwa gatandatu uno mwaka, Reta zunze ubumwe z’Amerika zaragabishije akanama kajejwe umutekano muri ONU ko hataragera ko Kongo yifasha igikorwa co gukingira umutekano.
Icipfuzo co kwihutisha umugambi wo kuvana abasirikare ba ONU muri Kongo, congeye kugaruka mu gihe hamaze kuba imyiyerekano itari mike y’abanyagihugu ba Kongo basaba ko MONUSCO ikinjura. Mu kwezi guheze kwa munani, abababa 50 ni bo bamenyekanye ko basize ubuzima mu myiyerekano yiyamiriza MONUSCO.
Ingabo za ONU ziri ku butaka bwa Kongo kuva mu 1999. Ziri mu za mbere ONU yahaye uburyo bwinshi: Zikoresha amahera agera ku muriyaridi w’amadorali y’Amerika ku mwaka. (AFP)