Isanganya rya Kajugujugu Ryahitanye 8 muri Kenya

Aho kajugujugu yagiriye isanganya muri Kenya

Isanganya rya kajugujugu y’igisirikare ca Kenya ryahitanye ubuzima bw’abantu 8 kuri uno musi wa kabiri mu ntara ya Lamu hafi y’umupaka na Somaliya.

Abo bantu bose ni abari muri yo. Ntivyaciye bimenyekana ako kanya icatumye iyo ndege igwa muri aka karere igisirikare ca Kenya gikoreramwo mu kurwanya abagwanyi ba al-Qaida, bakorana na al-Shabab. Aba basanzwe bagwanya ubutegetsi bwa Somaliya.

Igisirikare kimenyesha ko iyo kajugujugu yakorotse iri mu bikorwa vyo gucungera umutekano mw’ijoro.

Umusirikare atashatse ko amazina yiwe atangazwa kubera atemerewe kuvugana n’abamenyeshamakuru, yavuze ko abasirikare bose bari muri iyo kajugujugu bahasize ubuzima.

Muri kino gihe inteko z’umutekano za Kenya zisanzwe ziri muri Somaliya mu bikorwa vy’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika vyo kurwanya intagondwa za al-Shabab. Bari muri ico gihugu kuva mu 2011, yamara hari umugambi wo kubatahukana, mu gihe ubu igisirikare ca Somaliya kiriko citegura gufata mu minwe umutekano w’igihugu.

Al-Shabab imaze igihe yarongereje ibitero ikora muri Kenya, aho igenda irica abantu baba mu karere kari ku mupaka w’ivyo bihugu.

AP