ONU Yemeza ko Hacibonekeza Amabi yo mu Ntambara muri Etiyopiya

ONU yemeza ko naho hari amasezerano y'amahoro yateweko igikumu muri Etiyopiya, ico gihugu kibandanya kwibonekezamwo amabi ahonyanga agateka ka zina muntu atari make.

Abahinga ba ONU bakoze amatohoza bavuze ko bimwe mu vyaha bicibonekeza muri Etiyopiya, birimwo ivyaha vy’agahomerabunwa, ivyo mu ntambara n’ivyaha ndengerabutungane.

Muri raporo abahinga ba ONU bashikirije i Geneve mu Busuwisi, bemeje ko abasirikare ba Eritreya n’abo mu ntara ya Amhara babandanya no gukora ivyaha birimwo ugufata abapfasoni n’abakobwa ku nguvu. Mu ntara ya Oromia, ONU yemeza ko hari abasivile bafashwe bunyamaswa, abandi bapfungirwa ubusa.

Ku bw’abo bahinga ba ONU, ivyaha bicibonekeza mu bice bimwe vya Etiyopiya birimwo Tigreya, biriko birakwiragira mu gihugu cose. Aho bigwiriye cane ku bwa ONU ni mu ntara za Amhara na Oromia. Ku bw’abo bahinga, ata gikozwe “bishobora kuzokwegera akarambaraye akarere kose Etiyopiya iherereyemwo”

ONU ishikirije amakenga yayo inyuma y’amasezerano y’amahoro yateweko igikumu mu kwezi kwa kabiri, hagati ya Reta ya Etiyopiya n’abarwanya ubutegetsi bwayo mu ntara ya Tigreya.

Mohamed Chande Othman, atwara umurwi w’abahinga ba ONU bakoze amatohoza, yagize ati: “Amasezerano yateweko igikumu ashobora kuba yaratumye inkoho zitacumvikana cane, ariko ntiyatoreye umuti amatati ari mu buraruko bwa Etiyopiya, cane cane mu ntara ya Tigreya. Nta mahoro yazanye.” (AFP)