UNGA 23: Inama ya ONU Izoshimikira ku Migambi y'Iterambere

Inama rusangi y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU izohuza abategetsi b'ibihugu vyo kw'isi muri iyi ndwi i New York. Inama zizobahuza zizoshimikira ku vyerekeye kwihutisha utwigoro two gushika ku migambi yerekeye iterambere amakungu yishinze.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahahamwe ONU, Antonio Guterres, imbere y’inama yo kuri uyu wa mbere, yatangaje ko ibice 15 kw’ijana gusa vy’imigambi 17 yerekeye gushika ku migambi izorama amakungu yari yishinze ari yo iri mu nzira yo gushikwako mu nmwaka w’i 2030.

Guterres yatangaje ko inama yo kuri uyu wa mbere ku vyerekeye iyo migambi kazoba ari akaryo ku mareta ko kuza afise imigambi iboneka igenewe kwihutisha intambwe zerekeye iterambere rirama mu makungu.

Iterambere rirama amakungu yishinze gushikako mu mwaka w’i 2030, irimwo kurangiza ubukene, inzara, gutuma abanyagihugu kw’isi bashobora kuronka amasoko ntanganguvu mu buryo bworoshe, hamwe no gufata ingingo zigenewe kurwanya ihindagurika ry’ibihe, no gushira imbere uburinganire bw’ibitsina.

Icegeranyo casohotse mu kwezi kw’indwi kw’uyu mwaka cerekanye ko ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe, zizobandanya zerekeye ikiza ca COVID-19, ingwano muri Ukraine n’ubutunzi bucumbagira kw’isi vyageramiye intambwe zigenewe gushika ku migambi y’iterambere yo mu mwaka w’i 2030.

Bitegekanijwe ko prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden, aba mu bakuru b’ibihugu, abashikiranganji ba mbere n’abami baturuka mu bihugu 145 bazoshikiriza amajambo mu nama rusangi y’ishirahamwe ONU. Ayo majambo azotangura kuri uyu wa kabiri w’iyi ndwi.

Bitegekanijwe ko Prezida Biden ashikiriza ijambo ryiwe kuri uyu wa kabiri, co kimwe n’umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres. Abategetsi b’ibihugu vy’Ubwongereza, Ubushinwa n’Uburusiya ntibazokwitaba inama rusangi y’ishirahamnwe ONU ubwabo. Abashikiranganji bo ku rwego rwo hasi ni bo bazobaserukira. (VOANEWS)