Uburundi Bwahagaritse Igikorane "Connect Africa Conference 2023"

Martin Ninteretse

Uburundi bwahagaritse igikorane mpuzamakungu citiriwe "Connect Africa Conference 2023", cari kubera I Bujumbura guhera kuri uno wa gatanu kugera ku munsi wa Mungu.

Ico gikorane cari kuremeshwa na Apotre Mignonne Kabera, umushumba mukuru w’ishengero, Noble Family Church, rifise icicaro gikuru mu Rwanda.

Mu kiganiro umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano w’Uburundi, Martin Ninteretse yahaye abamenyeshamakuru ku muhingamo w’uno wa gatanu, yasiguye ko bahagaritse ico gikorane, kubera “umuhingamo wo gusangirira hamwe bashize ku rutonde rw’ico gikorane batawusabiye uruhusha”.

Martin Ninteretse yabwiye abameneyshamakuru I Bujumbura ati: “ Bari batubwiye ko ari ibikorwa vy’ijambo ry’Imana, baca bashirako uwo muhingamo (Diner de Gala), aho uwipfuza kuwujamwo bamusaba gutanga amadorali 50, canke ibihumbi 200 vy’amarundi”

Ijwi ry’Amerika ntirirashobora kuronka uburongozi bwa Noble Family Church canke ubw’isengero rya New Creation Church ryafashije mw’itegurwa ry’ico gikorana kugira twumve ico buvuga.

Gusa, umupfasoni yitwa Kankindi Goreti ari mu bari kwitabira ico gikorane n'iyo "Diner de Gala", yadusiguriye ko amafaranga batanze, ari iy’imfungurwa bari gusangirira hamwe ku wa gatandatu mw’ijoro, kandi ariko bisanzwe bigenda n’ahandi hose haba ico gikorane, basangirira hamwe imfungurwa n'ijambo ry'Imana ku mugoroba baba bahisemwo.

Madamu Kankindi yavuze ko “ Igikorane iyo bagisabiye uruhusha badatanga urutonde rw’ibizoberamwo vyose kw’isaha kw’isaha ngo berekane, isaha bazokwivunirako umusase, isaha bazofatirako akaruhuko, iyo bazokwumviramwo ubuhamya n’ibindi”, ku bw’uwo mupfasoni, igikorane cose nticari gusiba kubera uwo mugoroba wo gusangirira hamwe ifunguro ryo ku mugoroba. Kankindi asanga hari izindi mvo zishobora kuba zihishije inyuma y'ingingo ya reta y'Uburundi.

Abagera ku bihumbi 5000 ni bo bari bamaze kumenyekana ko bazokwitabira igikorane "Connect Africa Conference 2023". Abocitabiriye ku misi isanzwe nta mafaranga barihishijwe naho mu vyari bitegekanijwe "harimwo ukubaha ico bafungura n’ico banwa". Amafaranga yatanga abogiye muri “ Diner de Gala yari kuba ku munsi wa gatandatu.”

Fyonda hasi wumve insiguro Umushikiranganji Martin Ninteretse yahaye abamenyeshamakuru i Bujumbura.

Your browser doesn’t support HTML5

Uburundi Bwahagaritse Igikorane "Connect Africa Conference 2023"