Perezida Kim Jong Un mu Ruzinduko mu Burusiya

Perezida Putin na Kim Jong Un baganira

Umutegetsi arongoye igihugu ca Koreya ya ruguru, Kim Jong Un, uno musi ku wa kabiri, yashitse mu Burusiya aho bitegekanijwe ko abonana na Prezida Vladimir Putin.


Urugendo rwa Kim Jong Un mu Burusiya rwateye impungenge ibihugu vyo mu burengero bw’isi, ahanini ayo makenga ahagaze ku mwikeko ko Koreya ya uruguru izoha Uburusiya imfashanyo y’ibirwanisho.

Itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Amerika, Associated Press, ryatangaje ko umuvugizi w’ibiro vya Prezida Putin, Dmitry Peskov, yamenyesheje ko Kim Jong Un yashitse mu Burusiya. Yamara ikibanza yashikiyemwo ntigitomoye.

Itororokanirizo ry’amakuru rya Reta y’Uburusiya, RIA-Novosti, ryamenyesheje ko itereni yajemwo yateye ija mu buraruko, inyuma y’uko ijabutse uruzi Razdolnaya. Yateye ifata inzira itandukanye n’iyijana mu gisagara ca Vladivostok, aho vyari bitegekanijwe ko yitaba ikoraniro ryama riba uko umwaka utashe mu gisagara ca Vladivostok. Iryo koraniro rifise intumbero yo gukoresha imitahe mu karere ko mu buseruko bw’Uburusiya.

Itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Koreya y’epfo ryashize isanamu ku mbuga ngurukanabumeyi, rivuga ko yerekana iterereni Kim Jing Un yarimwo iri mu gisagara ca Ussuriysk, kiri ku bilometero 60 mu buraruko bw’igisagara ca Vladivostok.

Bitegekanijwe ko Prezida Putin na Kim Jong Un babonana inyuma y’ikoraniro ryo mu gisagara ca Vladivostok. Bitegekanijwe kandi ko Uburusiya busaba Koreya ya ruguru ibirwanisho bizobufasha mu bitero bubandanya gukora muri Ukraine. Koreya ya ruguru nayo izosaba Uburusiya kuyiha imfashanyo y’ibifungurwa, amasoko ntanganguvu n’ubuhinga buhanitse bukoreshwa mu vyerekeye ibirwanisho. (AP)