Nijeriya: Abashika 24 Barapfuye mw'Isanganya ry'Ubwato

Ubwato bwagize isanganya mu mazi ya Nijeriya

Abantu batari musi ya 24 barapfuye, abandi batari bake irengero ryabo ntirizwi. Ni inyuma y'uko ubwato bwari butwaye abarimyi mu mirima yabo mu gice kiri hagati muri Nijeriya buzamye ku musi w'Imana urangiye. Iyo nkuru yatangajwe n'abakozi bajejwe gutabara.

Ubwo bwato bwari butwaye abarimyi barenga ijana bariko bajabuka uruzi Nijeri bagana imirima yabo hakurya yarwo, muri Reta ya Nijeri, igihe bwazama.

Garba Salihu, ayoboye ikigo c’igihugu kijejwe gutabara, yavuze ko muri iki gihe ibiziga vy’abantu 24 vyatowe, abantu 30 baratabarwa. Yatangaje kandi ko abantu barenga 100 bategerezwa kuba bari muri ubwo bwato igihe bwagira isanganya. Impamvu z’iyo mpanuka ntizatangajwe. Ibikorwa vyo kurondera abo irengero ryabo ritazwi birabandanya.

Ku musi wa gatanu w’indwi irangiye, abantu 10 barasomye nturi, batatu nabo baburirwa irengero igihe ubwato bwarimwo abantu 23 bari bagiye kw’isoko bwazama mu kiyaga Njuwa mu ntara ya Adamawa iri mu buraruko bwa Nijeriya.

Amasanganya y’ubwato mu nzuzi zo muri Nijeriya ni ibintu biba kenshi. Kenshi biva ku bwato buba butwaye ibitigiri vy’abantu vy’umurengera, kandi butaba bukwije ibisabwa, ku bijanye n’umutekano w’ababukoresha. (AFRICANEWS)