DRC: Abarwanyi Bagerageje Gutega Bombe Babicishije ku Bana 2 b'Umwaka Umwe

Ino foto ngereranyo, yerekana abasirikare ba Kongo bari mu kibanza ADF yigeze kigabamwo igitero

Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, ryatangaje ko abarwanyi muri Republika ya demokarasi ya Kongo, bambitse ibisasu amahasa y'impija. ONU ivuga ko ivyo bisasu vyari vyatezwe abajejwe gucungera umutekano wa Kongo.

ONU itangaza ko abo bwarwanyi bataramenyekaa bazingiye ayo mabombe ku duhasa tw’udukobwa tubiri, dufise umwaka umwe.

Ikigega ca ONU citaho agateka k’abana, UNICEF, casiguye ko utwo duhasa badusanze mu kirwati kiri mu ntara ya Kivu ya Ruguru. Umurwi wa ADF urwanya ubutegetsi bwa Uganda urakunze kugaba ibitero ahatowe abo bana.

Grant Leaity aserukira UNICEF muri Kongo, yabwiye abamenyeshamakuru I Geneve mu Busuwissi mu kiganiro bagiranye ati: “ Abateze uwo mutego ku bana bari bafise umugambi w’uko, abajejwe umutekano bashitse baca basambura ivyo bisasu.”

Muri ico kiganiro n’abamenyeshamakuru, Grant Leaity, yabandanije asigura ko abahinga icenda bashoboye kwambura ibisasu ayo mahasa y’umwaka umwe bidaturitse.

Imyidondoro y’abo babiri b’amahasa ntiramenyekana. Bikekwa ko abavyeyi babo baguye mu gitero ca ADF nk’uko UNICEF ibandanya kubivuga.

Mu gihe UNICEF yatwaye abo bana mu kigo kibitaho, iryo shirahamwe ryavuze ko ivyashikiye ayo mahasa, bishobora kuzoyatera ibikomere vy’umutima vy’igihe kirekire.

ONU ivuga ko “Ububisha bwakorewe abo bana” buje bwiyongera ku yandi mabi akorerwa abana muri Republika ya Demokarasi ya Kongo. Grant Leaity aserukira UNICEF muri Kongo yagize ati: “Ku munsi ku munsi, muri Kongo hari abana bafatwa ku nguvu, hari abana bicwa, banyuruzwa, abandi nabo bagatwarwa ku nguvu mu murwi irwanya. Turazi ko hari ayandi mabi akorwa dushobora kuba tudafise mu raporo yacu.”

Intambara imaze igihe muri Kongo imaze guetsha izabo imiriyoni 5 n’ibihumbi 500 z’abanyagihugu, ituma abarenga imiriyoni 27 bugarizwa na kigoyi. Abana barenga imiriyoni 2 n’ibihumbi 800 bari mu bagizweko ingaruka n’iyo ntambara.