George Weah Yipfuza Gusubira Kwitoza nka Prezida wa Liberiya

Prezida wa Liberiya, George Weah.

Prezida wa Liberiya, George Weah, ariko arondera gusubira kwitoza, ku musi wa kane, yaratanguje imbere y'abantu isinzi, igikorwa ciwe co kwiyamamariza amatora y'umukuru w'igihugu azoba kw'itariki 10 y'ukwezi kw'icumi.

Prezida George Weah yarakomewe amashi n’abamushigikiye, bambaye imipira iriko amasanamu yiwe n’uwo bafatanije igikorwa co gihiganwa, Jewel Howard-Taylor, ku murwa mukuru, Monronvia. Jewel Howard-Taylor, yahoze ari umutambukanyi wa Charles Taylor, yahoze ari prezida. Charles Taylor.

Taylor yaciriwe gupfungwa imyaka 50 ku vyaha vy’agahomerabunwa n’ivyaha vyo mu ngwano vyakorewe mu gihugu ca Sierra Leone, kibanyi ca Liberiya.
Abamushigikiye bari bambaye kandi inkofero zitukura, ibara ry’umugambwe uri ku butegetsi, Coalition for Democratic Change, CDC, mu mfunyapfunyo.

Prezida Weah yaratangaje ko ashimishijwe bikomeye n’ukubona abanyagihugu bamugiriye icizere co kuyobora igihugu mu myaka itandatu irangiye. Yavuze ko yashikiye amabanga y’umukuru w’igihugu kubera abamushigikiye bakoze batiziganya, kandi batadohokerwa.

Weah yavuze ko mu kiringo ca mbere bashizeho umushinge w’amahoro, ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro, gutunganya neza inzego z’ubutunzi n’indero. Yavuze ko umwaka w’i 2024 n’iyikwirikira izogira akarusho kaboneka ku banyaliberiya.

Kwiyamamariza amatora yo mu kwezi kw’icumi kw’uyu mwaka vyatanguye icese kw’itariki 5 y’ukwezi kw’umunani. Bitegekanijwe ko kirangira k’itariki umunani y’uku kwezi kw’icenda, igihe c’isaha zitandatu zo mw’ijoro.

Prezida Weah yatowe mu kiringo ca mbere mu mwaka w’i 2017. Yatanguye ikiringo ciwe c’imyaka itandatu c’ukuyobora Liberiya mu mwaka w’i 2018. Igihe yashika ku butegetsi, yemeye gutuma ubuzi buboneka, hamwe n’ugushira uburyo kurushiriza mu gisata c’indero. Yamara abatavuga rumwe nawe baavuga ko atubahirije ivyo yari yemereye abanyagihugu. (AFRICANEWS)