Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, kuri uyu wa gatanu, yagabishije ko amakudeta y'igisirikare atari yo nyishu y'ibibazo muri Afrika. Yatangaje ko ahubwo atuma ibintu bimera nabi kurushiriza.
Antonio Guterres yavuze ko ibihugu bitari bike ku mugabane wa Afrika bifise ibibazo bikomeye vy’ubuyobozi, ko yamara reta za gisirikare zituma ibintu bimera nabi kurushiriza. Yasavye ibihugu kwihutira gushiraho inzego za demokrasi zizigiwe n’intwaro zisunga amategeko
Umumyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU, Antonio Guterres, yatangaje ko amashirahamwe mpuzamakungu n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika yotegerezwa gukomezwa mu ntumbero yo gukomeza amahoro, umutekano na demokrasi ku mugabane wa Afrika. Yavuze ko hakwiye gushirwaho uburyo butuma abanyafrika batorera inyishu impanvu zituma haba umutekano muke, n’iterambere ribaba.
Antonio Guterres yatangaje ko iterambere ari wo mugambi woshimikirwako kugira amahoro n’umutekano biboneke ku mugabane wa Afrika. Ivyatangajwe na Guterres bibaye inyuma ya kudeta yabaye mu gihugu ca Gabon ku musi wa gatatu. Yabaye kudeta igira iy’indwi ku mugabane wa Afrika kuva mu mwaka w’i 2020. Kudeta yaheruka kuba imbere y’iyo muri Gabon yabaye muri Nijeri, mu kwezi kw’indwi kw’uyu mwaka, aho igisirikare catembagaje Prezida Mohamed Bazoum.
(AFRICANEWS)