Ambasaderi w'Ubufaransa muri Nijeri Yakuweko Ubudahangarwa

Sylvain Itté, ambasaderi w'Ubufaransa muri Nijeri

Abasirikare batembagaje ubutegetsi muri Nijeri batse ubudahangarwa uwuserukira Ubufaransa muri ico gihugu.

Abatembagaje ubutegetsi bwa Nijeri, babicishije mw’itangazo basohoye bategetse igipolisi kwirukana Ambasaderi Sylvain Itte, bongera bavuga ko atagikingiwe biciye muri diplomasi.

Muri iryo tangazo, abasirikare bakoze kudeta bavuze kandi ko impapuro za viza ziha uburenganzira bwo kuba muri Nijeri umuryango wa Sylvain Itte, n’izindi karata za kidiplomasiya zose, Nijeri yazisubije.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu, yabishuye avuga ko ata ruhusha bafise bwo kwirukana uwo mutegetsi ku butaka bwa Nijeri. Yongeye asigura ko Ubufaransa buriko bukurikiranira hagufi umutekano wa ambasade yabwo muri Nijeri.

Abatembageje ubutegetsi bwa Nijeri basubiye gutangaza ko birukanye Ambasaderi Sylvain Itte, inyuma y’uko mu ndwi iheze bari bamuhaye amasaha 48 yo kuba yavuye muri ico gihugu, ariko ntiyahava. Igihe yihoza ako kamo, Prezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron yamushigikiye avuga ko Ubufaransa butemera abatembagaje ubutegetsi nk’indongozi za Nijeri.

Ubufaransa bufise abasirikare bagera ku 1500 bari muri Nijeri gufasha kurwanya imirwi y’iterabwoba itandukanye irimwo uw’abajihaditse ushamikiye kuri Al Qaeda n’intagondwa ziyitirira idini rya kisilamu. Kuva ubutegetsi bwa Mohamed Bazoum butembagazwa, igisirikare ca Nijeri ntikiriko kirakorana n’ingabo z’Ubufaransa ziri muri ico gihugu. (AFP)