Amerika n'Ubushinwa Vyizeye Kunagura Imigenderanire mu vy'Ubudandaji

Umushikiranganji ajejwe ubudandaji wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika na mugenzi wiwe w'Ubushinwa

Umushikiranganji ajejwe ubudandaji wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Gina Raimondo, kuri uyu wa gatatu, yarangije urugendo rw'imisi ine yarimwo mu Bushinwa.

Urugendo Gina Raimondo, yarimwo mu Bushinwa rwari mu migambi ya Reta ya Prezida wa Amerika, Joe Biden, yo kunagura imigenderanire mu vy’ubutunzi hagati ya Amerika n’Ubushinwa. Ni ibihugu 2 bikomeye cane kurusha ibindi kw’isi mu butunzi. Mu vyo yashikirije kuri uyu wa gatatu, Raimondo, yatangaje ko afise icizere ku kamaro ko kugira ibiganiro vyinshi, n’abategetsi b’Ubushinwa, amaso mu yandi. Yamara yavuze ko atiteze ko ibibazo vyose Amerika ifitaniye n’Ubushinwa bizotorerwa inyishu buno nyene.

Mu misi ya mbere y’urugendo rwiwe, umushikiranganaji ajejwe ubudandaji wa Amerika, Gina Raimondo, yaratangaje ko amashirahamwe akora imirimo y’ubudandaji yo muri Amerika yamubwiye ko Ubushinwa butagendera ku mategeko, ari na vyo bituma Abanyamerika bashaka gukorera imirimo yabo y’ubudandaji muri ico gihugu, badebukirwa. Raimondo, yavuze ko Amerika n’Ubushinwa vyateguye gutunganya inama z’abahinga b’izo mpande zompi kugira bavugane ku matati yerekeye gukingira amabanga y’ubudandaji, hamwe no gusangira amakuru yerekeye amategeko agenga gushoreranira ibidandazwa hagati y’izo mpande zibiri.

Mu gihe ubudandaji hagati ya Amerika n’Ubushinwa bufise agaciro karenga imiliyaridi 700 y’amadolari ku mwaka, icuka kibi ciyongeye mu myaka ya vuba hagati y’ivyo bihugu vyompi, caratumye bitorohera amashirahamwe akora imirimo y’ubudandaji ya Amerika gukorera mu Bushinwa. (VOANEWS)