RDC: Abantu Bashika kuri 14 Barishwe na Codeco

Abarwanyi ba Codeco bavuga ko barwanira ubwoko bw'aba Lendu, na mboka Wadda, Ituri, septembre 2020

Abantu batari musi ya 14 barishwe, ku musi w’Imana urangiye, mu ntara ya Ituri, mu buseruko bwa Republika ya Demokarasi ya Kongo. Hari inyuma y’uko abantu bitwaje ibirwanisho bakoze igitero ku bantu bariko barasenga mw’isengero.

Iyo nkuru yatangajwe, ejo ku musi wa mbere n’umutegetsi wo muri iyo ntara hamwe n’uwuyoboye ishirahamwe riharanira inyungu z’abanyagihugu w’aho.

Umukuru w’agacimbiri ka Djugu, Ruphin Mapela hamwe na Dieudonne Lossa, umwe mu bayobozi b’amashirahamwe ategamiye reta, bavuga ko umugwi wiswe Koperative y’Iterambere rya Congo (CODECO), umwe mu migwi y’abagwanyi muri ico gihugu co mu buseruko casinzikajwe n’intambara, ufise uruhara muri ico gitero.

Losa avuga ati “Abahaguye bariko basenga Imana, yamara abagwanyi bazwi nka CODECO babagirako igitero c’amasasu.

Bompi bacabongerako ko abasivile 9 hamwe n’abagwanyi 5 n’umusirikare umwe bahapfiriye.

Mapela yavuze ko abo bagwanyi bateye amashengero ya Mesa, Cepac na Aumopro hafi y’uruzi Ablert ruri mu bigwati vya Bahema mu buraruko.

Umuvugizi w’igisirikare c’akarere ka Ituri Jules Ngongo Tshikudi avuga ati “dusavye abanyagihugu gutekana mu gihe igisirikare catanguye ibikorwa vyo guhiga no kurwanya abo bagizi ba nabi.”

CODECO yo ivuga ko iriko ikingira inyungu z’abarimyi bo mu bwoko bw'aba Lendu bamaze igihe kitari gito mu matati n’aborozi bo mu bwoko bw’aba Hema.

ONU imenyesha ko ibitero bikorwa na CODECO vyatumye ubuzima mu karere ka Ituri businzikara kurusha, aho abantu bashika ku miriyoni 3 bari basanzwe bakeneye imfashanyo.