Ambasaderi w'Ubufaransa muri Nijeri Yanse Kuva muri ico Gihugu

Sylvain Itté, Ambasaderi w’Ubufaransa muri Nijeri

Ambasaderi w’Ubufaransa muri Nijeri ntiyaraye avuye muri ico gihugu nk’uko yari yabitegetswe n’umuyobozi mushasha.

Mw’ikete yashikirijwe ku musi wa gatanu, Ambasaderi Sylvain Itte yarahawe amategeko yo kuva muri Nijeri mu kiringo c’amasaha 48. Ni inyuma y’aho umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu wa Nijeri amwagirije kuba atitavye inama yari yatumiwemwo n’ibiro vyiwe.

Mw’ikete rimwirukana, harimwo ibirego vy’uko “igihugu c’Ubufaransa kigira ibikorwa biteye kubiri n’inyungu za Nijeri.

Prezida Emmanuel Macron kuri uno musi wa mbere yatangaje ko Ambasaderi Itte agiye kuguma muri Nijeri naho yategetswe kuvayo. Yaneguye ashimitse, abagize kudeta muri ico gihugu yongerako ko Ubufaransa atari umwansi wa Nijeri.

Kuva prezida wa Nijeri yari yatowe mu nzira ya demokarasi akuwe ku butegetsi, umusirikare ategeka ico gihugu muri iki gihe amaze imisi ashira ahabona imyidogo y’abanyagihugu ku gihugu c’Ubufaransa. Yarongeye yitura abasirikare b’Abarusiya bo mu mugwi wigenga wa Wagner kugira bafashe igihugu ciwe.

Prezida Macron yiyamirije abavuga ko kunana bishobora kugira ingaruka mbi. Mu kiganiro n’abaserukira Ubufaransa i Paris, Prezida Macron yagize ati “Imigabo n’imigambi yacu ni nyavyo. Bizovana n’ubutwari bwa Prezida Bazoum, hamwe n’ukurinda kwa Ambassaderi aserukira Ubufaransa muri ico gihugu, agiye kuzogumayo naho azoremerwa.”