Igitigiri c'Abakenyezi Biyahura muri Afuganistani Kibandanya Kwiyongera

Ifoto ya bamwe mu bapfasonbi bo muri Afuganistani

Ikinyamakuru c’Abongereza The Guardian catangaje ko igitigiri c’abantu b’igitsina gore muri Afuganistani bagerageza kwiyahura caduze cane. Icegeranyo c’ikinyamakuru The Guardian kivuga kw’ivyo vyatanguranye n’ intwaro y’Abatalibani mu 2021.

Ico kinyamakuru kivuga kandi ko reta y’Abatalebani yahisemwo kudashira ahabona ibitigiri nyavyo vy’abakenyezi biyahura, kandi yarabujije abakora mu bisata vy’ubuvuzi gubishira ahabona.

Yamara ico cegeranyo ca The Guardian kivuga ko abakorera mu nzego z’ubuvuzi bemeye gutangaza ibitigiri vyo kuva mu kwezi kw’umunani mu mwaka wa 2021 gushika ukwa munani w’2022. Vyari mu ntumbero yo gutorerea umuti ico kibazo cerekana ko Afuganistani ari kimwe mu bihugu vya mbere bifise ibitigiri binini vy’abakenyezi biyahura kuruta abagabo kw’isi.

Ubuzima bw’abakenyezi muri Afuganistani busigaye bugoye cane, nk’uko za raporo zitandukanye zabigaragaje. Ni mu gihe uburenganzira bw’abakenyezi bwo kuja mu bibanza rusange batambaye ibitambara vyo mu mutwe mu buryo bwemewe, buherutse guhagarikwa. Uburenganzira bwabo bwo kubandanya mu mashure, kuja mu buzi butari buke harimwo no mu bibanza vyo gukoresha imishatsi, na bwo buherutse guhagarikwa.

Alison Davidian, aserukira abakenyezi mu biro vya ONU muri ico gihug yabwiye ikinyamakuru The Guardian, agira ati “Turi mu bihe vy’aho abana b’abakobwa n’abakenyezi babona ko urupfu ari rwo rubereye kurusha ubuzima babayemwo.