Basaba ONU Kugumiza Ijisho ku Burundi

Abari mu myiyerekano mu Burundi

Amashirahamwe yigenga arimwo Human Right Watch ry’abanyamerika n’ayandi 40 harimwo ayakorera i Bulaya, muri Afrika no mu Burundi yatangaje ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU rigikeneye kugumiza ijisho ku bibera mu Burundi.

Ayo mashirahamwe avunira akagohe ONU ko hamwe intumwa idasanzwe « Rapporteur Special » itoba igikorera muri ico gihugu, n’ivyahuha vyohuhuka kuko kubw’abo, amabi yokorwa atawusemerera.

N’aho biri uko, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu Albert Nshingiro, yaheruka kubwira abaserukira ibihugu vy’abo mu Burundi ko iyo ntumwa ata kaze azokwigera ahabwa ku butaka bw’ico gihugu.

Pierre Claver Niyonkuru

Your browser doesn’t support HTML5

Burundi: Mbega ivy'Agateka ka Muntu Vyifashe Gute mu Burundi?