Uwutwara urwego rwa gisirikare rw’abacangero bo mu gihugu c’Uburusiya, Wagner, yatangaje ko yamaze gushika muri Afrika ku nyungu z’igihugu ciwe.
Evguéni Prigojine yavuze mu butumwa yashize ahabona ko ageze muri Afrika n’abarwanyi batari bake, ndetse agirako ahamagarira n’abandi bifuza kuja muri uwo mugwi w’abasirikare b’abacangero kwihutira kuwinjira.
Ryabaye irya mbere aja ahabona kumugaragaro kuva mu kwezi kwa 6 aho we n’umugwi wiwe Wagner bashaka gutembagaza ubutegetsi bwa Prezida Vladimir Poutine mu nyuma bagafatwa mpiri.
Muri iyo sanamu (Videwo) yashize ahahona, yiyerekanye asa n’uwuri ahantu mu bugaragwa, yambaye impuzu za gisirikare, afise inkoho y’intambara mu ntoki. Mu rurimi rw’ikirusiya yagize ati :
« Turi ku kazi. N’aho hashushe cane ku rugero rurenze. Turi ku kazi dukunda. Umuhari Wagner uriko urakora ibikorwa vyo kugenzura akarere ingene kameze, kugira Uburusiya bugumane ikibanza ca mbere kw’isi, no muri Afrika yigenga”.
Imvugo n’ingendo yiwe isa n’iyigiye guca intege intagondwa z’aba Al-Qaida na Reta ya Kiyisilamu zikorera cane cane mu bugaragwa bwa Sahel muri Afrika y’uburengero. Prigojine yahamagariye abashaka kwinjira mu muhari wiwe Wagner kwinjira kugira barangure ico yise “ikivi bahawe kandi biyemeje kurangiza vuba”.
Kuva atangura kudacana uwaka na sebuja Perezida Vladimir Poutine, Prigojine yaravuze amajambo akatari gake akoresheje ijwi ryiwe ariko nta na rimwe yari bwiyerekane mu masanamu. Ibi yakunze kubikora ahubwo akiri mu gihugu ca Ukraine iruhande y’abasirikare b’Abarusiya.
Mw’isanamu yiwe, nta gihugu na kimwe yigeze adomako urutoke ko ari yo ari, n’aho bizwi ko abarwanyi biwe bari mu bihugu vya Mali na Santrafrika.
Kuva mu kwezi kwa gatandatu aho umuhari Wagner wasa n’uwusambuwe n’Uburusiya umaze gushaka gutembagaza ubutegetsi, abarwanyi b’abacangero bamwe bashizwe mu gisirikare abandi bahungira mu gihugu kibanyi ca Belarusi, ndetse abandi basubira mu buzima busanzwe. Yamara, uwutwara uwo muhari Prigojine ntiyigeze amenyekana aho yanyikiye.
Igihugu c’Uburusiya kimaze igihe gishaka kugwiza ubucuti muri Afrika kugira ivyo bihugu bivavanure n’imigenderanire bifitaniye n’ibihugu vya Buraya n’Amerika. Ibi vyakomeye cane kuva aho gitanguriye intambara muri Ukraine bigatuma giharirwa ivomo n’amakungu, ubu cifuza kurondera abagenzi bashasha cane cane muri Afrika.
Mu mpera z’ukwezi guheze, aho abasirikare batembagaza ubutegetsi mu gihugu ca Nijeri mu burengero bwa Afrika, Prigojine yatangaje ko bitamuguye nabi. Ndetse n’agahemo kenshi yavuze ko igisirikare ciwe c’abacangero citeguye gusubiza ibintu mu buryo no kurwanya intagondwa z’abihevyi mu gihe abakoloni b’abanyaburaya bokurayo akarenge.
Uwatembagaje ubutegetsi muri Nijeri Jenerali Abdourahamane Tiani, yaragirijwe ko yoba afitaniye imigenderanire n’Abarusiya. Aha ntiyabihakanye, ahubwo yavuze ko yiteguye gukorana n’uwo wese ashaka gufasha kugarukana amahoro muri Nijeri n’akarere ka Sahel kose.
Mu ngingo za mbere yafashe kwabaye ukwirukana abasirikare b’Abafaransa. Abatari bake harimwo n’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’Uburengero, CEDEAO, rirwanya ubutegetsi bwa gisirikare muri Nijeri, baribajije abagiye gusubirira abo basirikare b’abafaransa abo ari bo.