Nijeri: Abatembagaje Ubutegetsi Bavuga ko ata Mugambi wo Kugirira Nabi Prezida Bazoum Bafise

Bamwe mu batembagaje ubutegesti bwa Nijeri

Umushikiranganji wa mbere yashizweho n’abatembagaje ubutegetsi bwa Nijeri, Ali Mahaman Lamine Zeine, ahumuriza ko reta arimwo ata rwara izorya Mohamed Bazoum yakombowe ku butegetsi bw’ico gihugu.

Mu kiganiro Ali Mahaman Lamine Zeine yahaye ikimenyeshamakuru co muri Amerika, The New York Times, yagize ati: “ Nta wuzomukomakoma. Nta kibi kizomushikira.. Muri Nijeri nta mugenzo w’urugomo dufise.”

Umushikiranganji Ali Mahaman Lamine Zeine yabibwiye ishami ry’ikinyamakuru, The New York Times, I Dakar ku murwa mukuru wa Senegali mu kiganiro bagiranye. Ali Mahaman Lamine Zeine ni we mukambwe mu basivile bashizwe ku butegetsi n’abasirikare batembagaje ubutegetsi bwa Nijeri.

Muri ico kiganiro na The New York Times, Umushikiranganji Zeine yashimangiye ko abatembagaje ubutegetsi bwa Prezida Bazoum ata mugambi wo gukorana n’Uburusiya bafise. Yiyamye kandi abavuga ko reta arimwo ifise umugambi wo gukorana n’abacangero b’abarwanyi b’abarusiya bo mu murwi wa Wagner.

Abatembagaje ubutegetsi bwa Nijeri bagize ico bavuga ku mutekano wa Prezida Bazoum inyuma y’uko impande zitandukanye zirimwo umuryango w’ubumwe bwa Buraya na Nijeriya zigabishirije ko ashobora kugirirwa nabi, zikongera zigashira ahabina amakenga y’uko amagara yiwe atoba yifashan neza.

Naho biri uko, bavuye mu gacerere inyuma y’uko bari baragabishirije ko ari nka hamwe ishirahamwe ryo gufashanya mu vy’ubutunzi hagati y’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO, vyohirahira bikarungika inteko zayo “kubohoza demokarasi ya Nijeri”, bazoca bagandagura Prezida Mohamed Bazoum.