Perezida Xi Jinping Azobonana n’abakuru b’ibuhugu Bihurikiye mw’Ishirahmwe BRICS

Perezida Xi Jinping

Prezida w’Ubushinwa Xi Jinping azobonana n’abakuru b’ibuhugu bihurikiye mw’ishirahmwe BRICS, igihe c’ikoraniro rikuru ryaryo rizobera i Johannesburg muri Afrika y’epfo.

Iyo nama nkuru izomara imisi itatu. Ifise intumbero yo gutsimbataza imigenderanire n’ugufashana hagati y’Ubushinwa na Afrika, nk’uko vyatangajwe na Ambasaderi aserukira Ubushinwa muri Afrika y’Epfo, Chen Xiaodong.

Bitegekanijwe ko Prezida Xi abonana n’abakuru b’ibihugu bigize iryo shirahamwe ku musi wa kane w’indwi iza, ari na wo musi wa nyuma w’iyo nama izoba irimwo intumwa ziserukira ibihugu 70. Ubushinwa buvuga ko ari ibihugu bicuditse n’umurwi w’ibihugu bitanu bigize ishirahamwe BRICS, ari vyo, Brezile, Uburusiya, Ubuhindi, Ubushinwa hamwe na Afrika y’Epfo.

Ku musi wa kabiri, Prezida Xi azoja I Pretoria, aho azokwakirwa n’icubahiro c’umukuru w’igihugu na Prezida Cyril Ramaphosa, mu nyuma ace aja I Johannesburg muri iyo nama nkuru. Ruzoba rubaye urugendo rwiwe rwa mbere muri Afrika y’epfo kuva agiye ku butegetsi mu 2013.

Ibiganiro Prezida Xi azogira n’abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika, ije ikwirikira inama nkuru yabereye mu gisagara ca Petersburg mu Burusiya, mu kwezi guheze, hagati ya Prezida w’Uburusiya Vladimir Putin hamwe n’abakuru b’ibihugu 17 kuri 54 vyo muri Afrika bari batumiwe. (Reuters)