Afurika y’Epfo: Imigambwe Itavuga Rumwe na Reta Yashize Hamwe Inguvu

Bamwe mu banywanyi b'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi muri Afurika y'Epfo

Iyo migambwe indwi yarumvikanye ku vyerekeye gukorera hamwe kurushiriza, mu gihe Afrika y’epfo iriko yitegurira amatora azoba mu mwaka w’i 2024. Izo ngingo zagezweho inyuma y’inama y’imisi ibiri n’inyuma y’amezi atari make y’ibiganiro zogiraniye. Abayobozi b’imigambwe itandukanye bateye igikumu ku masezerano bavuga ko azotegura inzira yo gutsinda umugambwe ANC uri ku butegetsi, uyobowe na Prezida Cyril Ramaphosa.

Abo bayobozi basavye imigambwe itandukanye itari muri ayo masezerano kwifatanya nabo mu twigoro two gukora ibishobotse vyose kugira ngo umugambwe ANC uve ku butegetsi.

Ayo masezerano abaye mu gihe abanyagihugu bashavuye kubera ibintu bitari bike birimwo, ruswa, ikibazo c’umuyagankuba, ubutunzi bucumbagira burangwa n’urugero rw’ubushomeri ruri hejuru cane.

Mu kwezi guheze, umugambwe ukomeye utavuga rumwe na reta, “Democratic Alliance” waratangaje ko wagize urunani n’iyindi migambwe mito mito itandatu mu ntumbero yo kwitegurira amatora yo mu mwaka w’i 2024. Yamara urwo runani rwarakuye umugambwe, Economic Freedom Fighters, EFF, mu mpfunyapfunyo. Umugambwe EFF ugira gatatu mu migambwe ikomeye cane muri Afrika y’epfo. (AFRICANEWS)