Ubumwe bwa Afurika mu Nama Yiga ku Kibazo ca Nijeri

Ahari icicaro c'Ubumwe bwa Afurika

Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika, ryatangaje ko riiriko riragirisha inama ku kibazo ca Nijeri, inyuma ya kudeta yabaye muri ico gihugu yakuye ku butegetsi Prezida Mohamed Bazoum, kw'itariki 26 y'ukwezi kw'indwi kw'uyu mwaka.

Inama yaryo iriko ibera ku cicaro caryo ku murwa mukuru wa Etiyopiya, Addis Abeba. Yarimwo umutegetsi mukuru w’urwego rujejwe amaharo n’umutekano rw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, Faki Mahamat hamwe n’abaserukira ibihugu vya Nijeri n’ishirahamwe ryo gufashanya mu vy’ubutunzi ry’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO.

Mu ndwi irangiye, Faki yarerekanye impungenge zikomeye ku makuru yavuze ko Mohamed Bazouma yakuwe ku butegetsi muri kudeta yabaye mu kwezi guheze, apfunzwe mu buryo bumeze nabi. Yatangaje ko uburyo afashwe n’abakoze kudeta atawobisabirako.

Ku musi w’Imana urangiye, abategetsi bakoze kudeta muri Nijeri biyemeje ko bazokwirikirana imbere y’ubutungane Prezida Mohamed Bazoun, yatowe biciye mu nzira ya demokrasi, ku vyaha bamwagiriza vyo kuba yarahemutse bikomeye. Barifatiye mu gahanga kandi ishirahamwe CEDEAO ku bihano ryafatiye Nijeri.

Bazoum, afise imyaka 63, n’umuryango wiwe bapfungiwe ku muhana, ku murwa mukuru, Niamey, kuva kudeta ibaye. (AFP)