Nijeri: Abarenga 15 Barimwo Abasirikare 6 Baraye Bagandaguwe

Ikarata ya Nijeri

Abasirikare 6 ba Nijeri na cumi bo mu murwi w’iterabwoba barishwe ku musi w'Imana mu burengero bwa Nijeri. Iyo nkuru ytangaje ku musi w'Imana n'abategetsi bakuru b'inteko zijejwe gukingira imbibe z'igihugu.

Abo basirikare ba Nijeri bari mu modoka 5 zariko zikwirikirana abikekwa ko ari intagondwa, igihe bagwa mu mutego wabo hafi y’ibilometero 20 vy’igisagara citwa Sanam kiri mu burengero bw’igihugu. Uwo mutego wateguwe n’inteko zijejwe gukingira imbibe z’igihugu zita abakora iterabwoba, bari ku mapikipiki.

Itangazo ry’ubuyobozi bukuru bw’inteko zijejwe kukingira imbibe z’igihugu bwatangaje ko abo buvuga ko bakoze iterabwoba 10 bishwe mu gitero cakozwe n’inteko zirwanira ku butaka no mu kirere. Ubwo buyobozi buvuga kandi ko amapikipiki ane y’abakoze igitero yasambuwe.

Akarere ka Sanam kari mu ntara Tillaberi mu karere kari ku rubibe hagati y’ibihugu vya Nijeri, Mali, na Burkina Faso, hakunda kubera ibitero bitari bike vy’intagondwa z’abayislamu.

Kw’itariki 9 y’uku kwezi kw’umunani, abasirikare 5 bajejwe gukingira imbibe z’igihugu barishwe, abandi 4 barakomereka mu gitero cakozwe ku kirindiro cabo ahitwa Bourkou Bourkou. Aho ni hafi y’igisagara citwa Samira gicukurirwamwo ubutare, naco nyene kiri ku rubibe hagati y’ivyo bihugu uko ari bitatu.