Igisirikare ca Mali na Wagner y'Abarusiya Vyagirizwa Kugaba Igitero ku Bahoze ari Abarwanyi b'aba Tuareg

Bamwe mu banyagihugu bo mu bwoko bw'aba Tuareg

Abahoze ari abarwanyi bo mu bwoko bw’aba Tuareg mu buraruko bwa Mali, bavuze ko igisirikare ca Mali n’abarwanyi b’abacancuro b’abarusiya bo mu murwi wa Wagner babagavyeko igitero ejo ku wa gatanu.

Umuhuza bikorwa w’urunani rwitwa, Azawad Movements (CMA), rurimwo abatewe, mu butumwa yacishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook yavuze ko ingabo zabo zasubije inyuma igitero “gikaze” bari bagabweko n’ingabo za Mali zifatikanije na Wagner.

Ico gitero ku bw’urunani CMA (rugwiriyemwo abo mu bwoko bw’aba Tuaregs rukaba ruhurikiyemwo imirwi ishaka kwigenga biciye mu kwiyonkora kuri reta ya Mali), cabereye mu gisagara citwa Ber, kiri mu buraruko bw’akarere ka Timbuktu muri Mali.

Umuvugizi wa CMA yasavye amakungu kuba icabona c’iso yise ibikorwa bigayitse vy’igisirikare ca Mali n’abacangero bo mu murwi wa Wagner. Ni mu gihe igisirikare ca Mali na co casiguye ko ejo civunye umwansi yagiteye, congera cumvikanisha ko caburijemwo igitero c’intagondwa.

Hagati aho, ku munsi wa kane, abahoze ari abarwanyi bo mu bwoko bw’aba Tuareg batangaje ko indongozi zabo zose zavuye I Bamako ku murwa mukuru wa Mali, ku mvo z’umutekano.