Abimukira 41 Bapfiriye mw'Isanganya y'Ubwato mw’Ibahari Mediterane

Abimukira 41 bapfuye mw'isanganya y'ubwato mu mazi y'ibahari Mediterane yegereye izinga rya Lampadusa ryegukira igihugu c'Ubutaliyano. Abarokotse babibwiye ibinyamakuru vyaho, uno musi ku wa gatatu.

Bamwe mu barokotse babwiye ababatabaye ko bari mu bwato bwari buvuye mu gisagara ca Sfax muri Tuniziya, bwibiye buriko bugana Ubutaliyano. Abo bantu 4 barokotse baje baturuka muri Cote d’Ivoire na Gineya, bashitse kw’izinga rya Lampedusa uno musi ku wa gatatu. Babwiye abajejwe kugenzura imbibe zo mu mazi ko abimukira 45 bavuye mu gisagara ca Sfax, muri Tuniziya, harimwo abana 3. Bavuze ko ubwato barimwo bwibiye kubera imikuba ikomeye mw’ibahari Mediterane. Batangaje ko abari muri ubwo bwato bose bisanze bari mu mazi.

Hisunzwe amakuru yatangajwe n’abarokotse 4, n’abantu 15 bari bambaye ibintu bituma bareremba mu mazi, abandi bose barapfuye. Iyo mpanuka ikwirikiye irindi sanganya ry’ubwato bubiri ryabereye mu mazi y’ibahari Mediterane, hafi y’izinga rya Lampedusa, ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye. Muri iryo sanganya,

umupfasoni n’umwana wiwe barahasize ubuzima, mu gihe abimukira barenga 100 batabawe.

Abantu barenga 2,000 barashitse kw’izinga rya Lampedusa mu misi mikeyi irangiye. Hari inyuma y’uko batabawe n’abajejwe kugenzura imbibe zo mu mazi y’ibahari Mediterane bo mu Butaliyano n’amashirahamwe ajejwe gutabara. (AFRICANEWS)