Uburusiya Bwiteguye Gusubira Mu Mugambi Wo Gushora Ingano Mu Mahanga

Abatunganya ingano

Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, yabwiye mugenzi we wa Turkiya, Recep Tayyip Erdogan, ko igihugu ciwe citeguriye gusubira mu masezerano yarekurira Ukraine gushorera mu mahanga ingano n'izindi ntete, biciye mw'ibahari yirabura.

Ayo masezerano yahagarikiwe na Turkiya n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu kwezi kw’indwi mu mwaka w’i 2022, arekurira Ukraine gushobora gushorera hanze ingano n’izindi ntete, ata kibazo.

Mu kwezi guheze, Uburusiya bwaravuye muri ayo masezerano. Bwagirije ibihugu vyo mu burengero bw’isi ko bigeramira uburenganzira bw’Uburusiya bwo gushorera mu makungu ingano n’izindi ntete hamwe n’ibitabizo vyabwo.

Mu kiganiro ba prezida Putin na Erdogan bagiranye kw’itelefone, Putin yavuze ko kubera ingingo z’amasezerano yari yashitsweko zerekeye Uburusiya zitashizwe mu bikorwa, kwongereza ikiringo cayo vyataye insiguro.

Yamara yavuze ko igihugu ciwe kizogaruka muri ayo masezerano mu gihe ibihugu vyo mu burengero bw’isi vyubahiriza ibiyarimwo vyemereye Uburusiya.

Ba prezida Putin na Erdogan barumvikanye kandi ko Putin azogendera Turkiya.

Umutegetsi akomeye muri Turkiya yatangaje ko ibiganiro hagati ya Turkiya n’Uburusiya biriko biraba ku vyerekeye urugendo rwa Putin mu mpera z’ukwezi kw’umanani kw’uyu mwaka.