Abafransa Ba Mbere Bahungishijwe Bakuwe Nijeri Bageze I Paris

Abafransa ba mbere bageze ku kibuga mpuzamahanga Charles de Gaulle

Abafaransa ba mbere bavanywe muri Nijeri n'indege bashitse i Paris mu Bufransa mu gitondo c'uno musi wa gatatu.

Ni inyuma ya kudeta yabaye mu ndwi irangiye yakuye ku butegetsi prezida yatowe biciye mu nzira ya demokrasi.

Ubufransa, Ubutaliyano, na Esipanye vyose vyaratangaje ingingo yavyo yo gukura abanyagihugu bavyo n’abandi banyaburaya muri Nijeri.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubufransa bwatangaje ko bwafashe iyo ngingo bifatiye ku gitero cakozwe kuri ambasade yayo ku murwa mukuru wa Nijeri, Niamey.

Abari mu myiyerekano barateye iyo ambasade ku musi w’Imana urangiye, batera imvyino zituka Ubufransa, mu gihe bahayagiza Uburusiya.

Mu gihe ibibazo muri ico gihugu bitera bikomera kurushiriza, ishirahamwe ryo gufashanya mu vy’ubutunzi ry’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO, ryaratangaje, ku musi w’Imana urangiye, ko rifatiye ibihano mu vy’ubutunzi igihugu ca Nijeri.

Abategetsi b’abasirikare b’ibihugu bigize iryo shirahanwe bariko baravugana ku vyerekeye niba borungika inteko muri Nijeri.

Baragabishije gukoresha inguvu mu gihe abasirikare bakoze kudeta muri ico gihugu bokwanka gusubiza ku butegetsi Prezida Mohamed Bazoum mu kiringo kitarenga indwi imwe.

Abategetsi bakoze kudeta muri Nijeri, yamara barashigikiwe n’amareta y’igisirikare yo muri Mali, Burkina Faso na Gineya. Mw’itangazo yashikirije hamwe, reta ya Burkina Faso na Mali zavuze ko kurungika inteko izo ari zo zose zo mu muhanga muri Nijeri, azoba ari ugutangaza ingwano kuri ivyo bihugu vyompi.