ONLCT: Abana Barenga 3000 Bacurujwe mu Bihugu Bibanyi vy’Uburundi mu 2022

Bamwe mu bigeme batwawe gukora mu bihugu vy'Abarabu

Mu mwaka uheze wa 2022, n'imiburiburi abana bagera kuri 3062 barajanywe kugurishwa mubihugu bibanyi vy'Uburundi nka Republika ya demokarasi ya Kongo na Tanzaniya.

Ivyo biri mucegeranyo c'ishirahamwe "ONLCT OU EST TON FRERE" rigwanya urucuruzwa rwa kiremwa muntu. Iryo shirahamwe rivuga ko ubukene bwo mumiryango no kubura akazi ari zimwe mumvo nyamukuru zituma abakiri bato bajanwa kugurishwa vyoroshe.

Risaba Reta kuvugana n'abagwizatunga kugira igwize utuzi nayo ubutungane ribuhamagarira guhasha bwivuye inyuma abakora ayo mabi rivuga ko ateza urubwa igihugu. Umviriza ngaha inkuru ya Eloge willy Kaneza

Your browser doesn’t support HTML5

Burundi: Ishirahamwe ONLCT Risaba ko Urudandazwa rw'Abantu Ruhagarara