Nijeri: Abasirikare Bafashe Ubutegetsi Bapfunze Abandi Bategetsi Bakomeye 3

Abanyagihugu ku ma barabara yo muri Nijeri bahayagiza abasirikare bafashe ubutegetsi

Vyongereje igitigiri c'abamaze guhagarikwa naho amakungu yateye akamamo k'uko intwaro igendera kuri demokrasi isubizwaho muri ico gihugu.

Abasirikare bafashe ubutegetsi muri Nijeri, bahagaritse umushikiranganji ajejwe ubutare, umukuru w’umugambwe uri ku butegetsi n’umushikiranganji ajejwe ibitoro, Mahamadou Sani Mahamadou, asanzwe ari umuhunga w’uwahoze ari Prezida, Issofou Mahamadou. Iyo nkuru yatangajwe n’umugambwe uri butegetsi.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati, uw’ugutwara abantu n’ibintu n’icegera ciwe baza baratawe mu mvuto.

Umugambwe uri ku butegetsi watangaje ko ihagarikwa ry’abo bategetsi vyerekana ingendo y’igitugu y’abayoboye abakoze kudeta muri Nijeri.

Wasavye abanyagihugu kuja hamwe bagakingira demokrasi. Ihagarikwa ry’abo bategetsi ryatangajwe umusi umwe inyuma y’uko Prezida wa Cadi, Mahamat Idriss Deby, ashitse muri Nijeri kugerageza guhuza abakoze kudeta na reta yatembagajwe.

Kudeta muri Nijeri ikwirikikye kudeta zakozwe n’abasirikare mu bihugu bibanyi vya Mali na Burkina Faso mu kiringo c’imyaka ibiri irangiye. Ivyo bihugu vyompi vyateye bihengamira ku Burusiya nk’igihugu bicuditse.

Abakoze kudeta muri Nijeri bavuze ko batembagaje Prezida Mohamed Bazoum kubera ubuyobozi bwiwe bubi, hamwe n’ishavu ryerekanywe n’abanyagihugu ku kugene reta yiwe yavyifashemwo ku vyerekeye ibibazo vy’umutekano vyatewe n’intagondwa z’abayislamu. (REUTERS)