Uburusiya Bwongereje Ibitero vya Misile mu Bibanza vya Gisirikare muri Ukraine

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w'Uburusiya, Sergei Shoigu, yatangaje ko kubera Ukraine yananiwe mu bitero vyayo vyo gusubira kwugarurira ibice igihugu ciwe cafashe, iriko ishimikira cane cane ku vyerekeye gukora ibitero vy’iterabwoba mu bibanza vy’igisivile.

Uburusiya, ku musi w’Imana urangiye bwatangaje ko bwasambuye indege zitagira abadereva bita drone za Ukraine zari zije gukora ibitero ku murwa mukuru, Moscou no mu kigobe ca Crimeya, Uburusiya bwigaruriye mu mwaka w’i 2014.

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yatangaje ko ingwano yagarutse ku butaka bw’Uburusiya, ko uko ariko ibintu vyari kugenda.

shikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’Uburusiya, Sergei Shoigu, yatangaje ko igisirikare cafashe ingingo kurushiriza zigenewe kwikingira ibitero biturutse mu kirere no mu mazi.

Abategetsi b’Uburusiya batangaje ko ibitero vy’indege zitagira abadereva za drone Ukraine iherutse gukora ku murwa mukuru, Moscou, ari igikokwa c’ukwiheba kubera Ukraine iriko itsindwa ku rugamba. (AFP)