Nijeri: Igisirikare Cagirije Ubufaransa Gutegura Ibitero Vyo Gusubizaho Bazoum

Abasirikare b'Ubufaransa

Abasirikare bafashe ubutegetsi muri Nijeri mu ndwi irangiye bagirije Ubufransa ko buriko butegura ibitero bigenewe kugerageza kubohoza Prezida apfunzwe, Mohamed Bazoum, bugasubizaho reta yiwe yatembagajwe.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubufransa ntibwemeje canke ngo buhakane ivyo vyagirizo. Yamara Reta y’Ubufransa yemera ko Bazoum ari we mutegetsi yemewe w’igihugu ca Nijeri. Ishimikiye ku vyerekeye gukingira abayagihugu bayo n’inyungu zayo muri ico gihugu. Umuryango w’Ubumwe bwa Afrika n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’ibindi bihugu bikomakomeye harimwo Ubufransa vyariyamirije ingingo y’abasirikare yo gutembagaza reta yavuye mu matora muri Nijeri.

Amakuru y’imigambi y’Ubufransa abaye umusi umwe inyuma y’uko ishirahamwe ryo gufashanya mu vy’ubutunzi ry’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO, rifatiye ibihano abasirikare bakoze kudeta muri Nijeri. Ryaratangaje ko rishobora kurokurira ikoreshwa ry’inguvu za girikare mu ntumbero yo gusubiza Bazoum ku butegetsi. Abasirikare bafashe ubutegetsi bari bagabishije imbere yaho abanyamahanga boba bariko bategura ibitero ivyarivyo vyose bigenewe kubohoza Bazoum, mu kuvuga ko vyovamwo iseseka ry’amaraso n’akajagari.

Prezida wa Cadi, Mahamat Idriss Deby, yaragiye muri Nijeri mu mpera z’iyi ndwi turangije kugerageza kuba umuhuza. Yatangaje ko yabonanye na Bazoum n’umukuru w’abasirikare bakoze kudeta, Jenerali Abdourahmane Tiani, mu kigoro ko kuraba uburyo bwo gutora inyishu iciye mu mahoro ku biriko bibera muri Nijeri. Yamara nta birenga ngaho yatangaje. (REUTERS)