Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ONU, Antonio Guterres, kuri uyu wa kane, yasavye amakungu gufata ingingo zikomeye vyihutirwa ku bijanye n'ikibazo c'ihindagurika ry'ibihe. Yatangaje ko ubushuhe bwo muri uku kwezi kw'indwi butari bwibonekeje imbere yaho vyerekana ko isi yaragengeye urugero rw'ubushuhe abantu bashobora kwihanganira.
Mw’ijambo yashikirije mu gisagara ca New York, Guterres, yavuze ko ubushuhe burengeye urugero buriko bwibonekeza muri iki gihe mu bice bitandukanye vyo kw’isi ari ikiza isi itegerezwa guhagarukira vyihutirwa. Yatangaje ko ata nkeka ko ukwezi kw’indwi umwaka w’i 2023 ari kwo kwezi kuranzwe n’urugero rw’ubushuhe rutari bwibibonekeze imbere yaho. Guterers yatangaje ko ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe atari agaseseshwarumuri, ko ari igikabazo giteye ubwoba, kandi ko ibi ari intango gusa.
Antonio Guterres yavuze ko ingaruka zikomeye z’ihindagurika ry’ibihe zerekana ivyo abahinga bavuze incuro zitari nke bagabisha amakungu. Ku bwiwe, si ibintu bitangaje, ahubwo igitangaje ni umuvuduko w’izo ngaruka z’ihindarukira ry’ibihe. Yarasemereye incuro zitari nke ko hofatwa ingingo zikomeye zihutirwa ku nkurikizi zikomeye z’ihindagurika ry’ibihe. Yasubiye gutunga urutoke igisata c’amasoko ntanganguzu yonona ibidukikije ko ari co soko rikuru ry’ico kibazo.
Imbere y’ikoraniro mpuzamakungu kw’ihindagurika ry’ibihe bitegekanijwe ko azokwakira mu kwezi kw’icenda, Guterres yasavye ibihugu bitunze kurusha ibindi kw’isi kuba vyavavanuye n’imyuka igeramira ibidukikije mu buryo bushoboka bwose imbere y’umwaka w’i 2040, ku bihugu biriko biratera imbere imbere y’umwaka w’i 2050. (AFP)