Inteko zijejwe gucungera Prezida wa Nijeri, Mohamed Bazoum, zamwugaraniye mu biro vyiwe ku murwa amukuru, Niamey. Imodoka z'igisirikare zazibiye amayira yegereye ibiro vya prezida kuva mu gitondo c'uno musi ku wa gatatu, hisunzwe amakuru atangazwa n'abajejwe umutekano.
Ibiriko biraba bisa na kudeta zine zabaye mu bihugu bibanyi vya Nijeri, ari vyo Mali na Burkina Faso kuva mu mwaka w’i 2020. Ibice vyose vyegereye ministeri ziri hafi ibiro vya prezida navyo nyene vyazibiwe. Abakozi bo mu biro vya prezida ntibarekuriwe kuja mu biro vyabo. Yamara ibindi bice vyo ku murwa mukuru, Niamey bisa n’ibitekanye, mu gihe uruja n’uruza rw’imodoka n’ugushobora kuroresha interneti vyabandanije nkuko bisanzwe mu gitondo co kuri uyu wa gatatu.
Kudeta zabaye imbere yaho muri Burkina Faso na Mali zatewe n’ishavu ry’abanyagihugu bagiriza amareta y’ivyo bihugu ko yananiwe guhagarika ibitero vy’intagondwa z’abayislamu mu karere kose ka Sahel, karimwo igihugu ca Nijeri.
Igeragezwa rya kudeta ryarateshejwe muri Nijeri mu kwezi kwa gatatu mu mwaka w’i 2021, igihe umurwi w’abasirikare bagerageza gufata ibiro vy’umukuru w’igihugu imisi mikeyi imbere y’uko vyari bitegekanijwe ko Bazoum arahira mu mabanga y’umukuru w’igihugu. (REUTERS)