Mu Burundi Leonard Manirakiza Yagizwe Umushikirizamanza Mukuru

Perezida Evariste Ndayishimiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Bujumbura mu Burundi, Kw'itariki ya 10/05/2022

Leonard Manirakiza ni we mushikirizamanza mukuru wa Republika mu Burundi kuva kuri uyu wa kabiri. Yemejwe n'inama nkenguzamateka. Asubiriye Sylvestre Nyandwi yari muri ayo mabanga kuva mukwa munani 2016.

Inama nkenguzamateka isasa ku murwa mukuru wa politike Gitega ni yo yemeje Leonard Manirakiza kuba umushikirizamanza kizigenza wa Republika kuri uyu wa kabiri. Yatowe ku majwi 38 kuri 39.

Umushikiranganji w’ubutungane ni we yari yaroye gutanga mu nama nkenguzamateka umwirondoro wiwe. Domine Banyankimbona ntiyigeze avuga icatumye Sylvestre Nyandwi yahora aramutswa ayo mabanga kuva mukwa munani 2016 ayabogozwamwo. Gusa yavuze ko umushasha azanye ubwira bwinshi.

Umushikirizamanza kizigenza mushasha aturuka mu bwoko bw’Abahutu nk’uko biteganywa n’ibwirizwa nshingiro n’amasezerano ya Arusha. Ni imvukira y’intara ya Muramvya hagati na hagati. Uwo yasubiriye nawe ni Umuhutu wo mu ntara ya Bujumbura mu burengero.

Manirakiza arazwi cane igihe yari umushikirizamanza mu ntara ya Muramvya avukamwo aho hagati y’ukwa gatandatu n’ukwa munani 2016 yafungisha abanyeshure bagera kuri batandatu bari basibanganije ifoto ya nyakwigendera prezida Pierre Nkurunziza mubitabu vy’ishure.

Anazwi kandi nk’umwe mubashashe murubanza rw’urupfu rwa Melchior Ndadaye, umukuru w’igihugu wa mbere yatowe mu nzira ya demokarasi akicwa amaze amezi atatu gusa ku ntebe y’umukuru w’igihugu.

Baba abari mw’ibohero rya Gitega canke ababuranywe badahari ,bose bavuze ko umunyororo baciriwe harimwo ugufungwa uwo guherayo ari icemezo ca politike atari ingingo ubutungane. Ubu yari muri sentare ntahinyuzwa akaba yari umwe mubakuru b’ama serevisi. Kuri uyu wa kabiri yemerejwe icarimwe n’abandi bacamanza umunani baroye muri urwo rukiko rukuru mu gihugu.

Umunyamategeko Dieudonne Bashirahishize yahoze ari icegera c’umukuru w’urwego rw’abanyamategeko muri Afrika y’ubuseruko akaba ari no mu runani CAVIB ruhurikiyemwo abashingwamanza baburana ku vyaha bihanwa n’ubutungane mpuzamakungu avuga ko uwu murwi mushasha Abarundi bawitezeko vyinshi na rirya utowe mu gihe umukuru w’igihugu ubwiwe yari amaze igihe yidoga ko ico gisata kibangamiwe n’ibiturire n’ukutigenga.

Your browser doesn’t support HTML5

Burundi: Inama Nkenguzamateka Yemeje Leonard Manirakiza Nkumushikirizamanza Mukuru