Muri Afurika y’Epfo 77 Bakomerekeye mw’ Isanganya y’Imiduga Yunguruza Abantu

Ifoto igaragaza impanuka ya bisi muri Afurka y'Epfo

Igipolisi n’abajejwe iyunguruza ry’abantu n’ibintu muri Afurika y'Epfo bavuga ko babiri muri abo bakomeretse, bababaye cane.

Umwe muri iyo miduga yasekanye wari uwa kaminuza usanzwe utwara abanyeshure ubavana kunyubakwa imwe ibatwara kuyindi kuri kaminuza ya Johannesburg.

Iyo vyasenkanye yari bisi iyunguruza abantu mu gisagara.

Umuvugizi w’amabisi Goodwill Shiburi, ubwambere yari yavuze ko abantuu batanu bakomeretse bikomeye, ariko inyuma yaho igipolisi cavuze ko babiri aribo bakomeretse cane kandi bari mubitaro. Igipolisi kivuga kandi ko abandi muri abo77 bakomeretse, bitaweho mu mavuriro atandukanye harimwo n’abadereva b’iyo miduga.

Umuvugizi w’igipolisi c’igisagara c’akarerere ka Johannesburg Xolani Fihla yavuze ko amatohoza yerekeye ubusamazi bw’umudereva agiye gutangura bihweje ukuntu iryo sanganya ryabaye rikomeye cane. Yamara Fihla yongeye ko yuko icatumye iryo sanganya riba kitaramenyekana.